Logo YouVersion
Icona Cerca

Zefaniya 3

3
Igihano kizoba kuri Yerusalemu
1 # Yer 6:6. Uzobona ibara, urya murwa wagararije, wanduye, kand’ uhahaza! 2#Yer 5:3.Ntiwumviye ijwi riwubarira, ntiwemeye guhanūrwa, ntiwizigiye Uhoraho, ntiwiyegereje Imana yawo. 3#Ezk 22:27.Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba. 4#Ezk 22:26.Abavugishwa bawo n’ibihuruduka kandi n’abaryarukanyi; abaherezi bawo bahumanije ahēra, kandi bishe ivyagezwe ku manyama. 5#Yer 12:1; Hos 6:5.Arik’ Uhoraho ari hagati muri wo aragororotse, ntazokora ivyo kugabitanya; uko bukeye aserura ahibonekeza imanza ziwe ziroranye, ntatenzekanya: arikw ikigoryi nta dusoni kigira.
6 # Zef 2:4-15; Zek 7:14. Naranduye amahanga, iminara yabo isigaye ar’ imisaka; nashibije inzira zabo, bituma ata wukihahita; ibisagara vyabo birasanganguwe, bituma hatakibonekay’ umuntu, kand’ ata wukihaba na mba. 7#Mik 7:3.Nari nibgiye, nti N’ukuri uzontinya, uzokwemera guhanūrwa, ngw inzu zawe zoye gusangangurwa, nk’uko nari mmaze kubishinga vyose: ariko bama bazindukanwa no kwonona ibikorwa vyabo vyose.
Umugisha uzoba ku masigarira y’Abisirayeli
8 # Yow 3:2; Hab 2:3; Zef 1:18. Nuko rero, ni mundorēre, ni k’Uhoraho agize, gushitsa ku musi nzohaguruka nja kunyaga: kuko nagabiye gukoraniriza amahanga hamwe, negeranye ibihugu, ngo mbasukek’ ubushangashirwe bganje, ni bgo burake bganje bgose bg’inkazi: kukw isi yose izotongōrwa n’umuriro w’ifūhe ryanje.
9 # Yes 6:5; 19:18. Kukw ico gihe nzohindura amoko bagire ururimi rutunganye, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe Uhoraho, bankorere bahuje inama. 10#Zab 68:31; Yes 60:4.Abasavyi banje, ari bo bana banje bāsābagiye, bazonzanira ingorore, bavuye hakurya y’inzūzi zo muri Etiyopiya. 11#Yes 2:11; Mal 4:1; Mat 3:9.Kur’ uwo musi ntuzokwongera gutēterezwa n’ibikorwa vyawe vyose, ivyo wagenda uncumurako: kukw ico gihe nzoba ngukūyemw’ abihayagiza bībona, kandi nawe ntuzokwongera kwishira hejuru ku musozi wanje wera. 12#Yes 14:32.Ariko nzogusigamw’ abaciye bugufi na ba nyarucari, abo ni bo bazokwizigira izina ryanje jewe Uhoraho. 13#Yes 60:21; Mik 5:4; Ivyah 14:5.Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.
14 # Yes 12:6; 54:1; Zek 9:9. Ririmba, wa mukobga w’i Siyoni; semerera, yemwe Bisirayeli; nezerwa uhimbarwe n’ umutima wawe wose, yewe mukobga w’i Yerusalemu. 15#Zab 46:5; Zek 2:10; Mat 27:42; Yoh 1:49; Ivyah 21:3.Uhoraho yagukūyekw imanza yari yāguciriye, yirukaniye kure umwansi wawe. Umwami w’Abisirayeli, ari we Uhoraho, ari hagati muri wewe; ntuzoba ukibona ivyago ukundi. 16#Yes 35:3.Kur’ uwo musi Yerusalemu hazobarirwa, ngo Ntutinye: nawe Siyoni, amaboko yawe ntadendebuke. 17#Yes 62:5; 63:1.Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu, 18#Int 1:4; 2:6.nko ku musi mukuru washinzwe.
Nzogukūrakw ivyago, ntuz’ usubire gutētērwa ukundi. 19#Yes 60:14; Yer 13:11; Mik 4:6.Ehe rāba, ico gihe abāguhahaza bose nzobibabaza; kandi nzokiza abacumbagira, n’abirukanywe ndabakoranirize hamwe; kand’ abāri n’ibitētērwa kw isi yose nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa. 20#Ezk 11:17; Zef 2:7.Ico gihe nzobacūra i muhira, mber’ ico gihe nzobakoraniriza hamwe: kuko nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi, igihe nzogarukana abanyu bajanywe ar’ inyagano muvyibonera, ni k’Uhoraho agize.

Attualmente Selezionati:

Zefaniya 3: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi