1
Zefaniya 3:17
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu
Confronta
Esplora Zefaniya 3:17
2
Zefaniya 3:20
Ico gihe nzobacūra i muhira, mber’ ico gihe nzobakoraniriza hamwe: kuko nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi, igihe nzogarukana abanyu bajanywe ar’ inyagano muvyibonera, ni k’Uhoraho agize.
Esplora Zefaniya 3:20
3
Zefaniya 3:15
Uhoraho yagukūyekw imanza yari yāguciriye, yirukaniye kure umwansi wawe. Umwami w’Abisirayeli, ari we Uhoraho, ari hagati muri wewe; ntuzoba ukibona ivyago ukundi.
Esplora Zefaniya 3:15
4
Zefaniya 3:19
Ehe rāba, ico gihe abāguhahaza bose nzobibabaza; kandi nzokiza abacumbagira, n’abirukanywe ndabakoranirize hamwe; kand’ abāri n’ibitētērwa kw isi yose nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa.
Esplora Zefaniya 3:19
Home
Bibbia
Piani
Video