Logo YouVersion
Icona Cerca

Zefaniya 2

2
Zefaniya ahanūra abantu ngo barondere Uhoraho bigishoboka
1 # Yer 6:15. Ni mukoranire hamwe, mbere ni mukorane, yewe hanga ritagira isoni; 2#2 Abam 23:26.mutaratūmūrirwa kure nk’umuguruka, kand’ uburake bg’Uhoraho bg’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’ uburake bg’Uhoraho utarabashikīra. 3#Zab 76:9; Yes 26:20; Am 5:6, 14, 15.Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.
Ibihano bizoba ku bansi b’Abayuda
4 # Am 1:6-8. Gaza hazohebga, Ashikeloni hahinduke imisaka: abo muri Ashidodi bazokwirukanwa ku murango w’amashōka, na Ekuroni hazorandurwa. 5#Yos 13:3; Ezk 25:16.Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo. 6Ibiyaya vyo ku kiyaga bizosigara ar’ uburagiro gusa, har’ ibirāro vy’abungere n’impongore z’imikuku. 7#Zek 10:3; Luk 1:68.Kand’ ivyo biyaya bizoba ivy’ amasigarira y’inzu ya Yuda; ni ho bazoragira; bgije biryamire mu mazu yo muri Ashikeloni; kuk’ Uhoraho Imana yabo azobagendera, ngw agarukane abajanywe ar’ inyagano. 8#Yer 48:27; Ezk 25:3, 6.Ati Numvise ibitutsi vya Mowabu, n’ugucokorana kw’Abamoni, bācokoye abantu banje, bakarya urubibe rwabo bihayagiza. 9#Gus 29:23.Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara. 10#Yes 16:6.Ivyo ni vyo bazosubirizwa mu nkōko kubg’ ubgibone bgabo, kuko bātuka abantu b’Uhoraho Nyen’ ingabo, bakabihayagizako. 11#Zab 22:27; Mal 1:11.Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga. 12Namwe Banyetiyopiya n’uko, muzokwicwa n’inkota y’Uhoraho. 13#Yes 10:12; Nah 3:7.Kand’ azobangurira ukuboko kwiwe i burārūko, ageseze Ashuri; Ninewe ahahindure amatongo, hume nk’ikigatwa. 14#Yes 34:11, 13, 14; Yer 22:14, 15.Amasho azokwigaramangira hagati muri ho, n’ibikōko vyose vyo mw ishamba: inkongori n’ibinyogoto bizokwībēra ku bisapfu vy’amazu yaho: amajwi yavyo azokwumvikanira mu madirisha; mu rwinjiriro rw’imiryango yaho hazoba amasakamburira, kuko yasitaguye amagarwe y’imbaho z’amasederi. 15#Yes 47:8; Yer 19:8; Nah 3:19.Ico ni ca gisagara cihaya, cahora cicaye ata co cinona, kikīyāgira mu mutima, kiti Ni jewe ndiho, nta wundi atari jewe! Ewe kuntu gicitse amatongo, n’ubugaramango bg’ibikōko! Umuntu wese azohaca azohavuzakw agahwa, ahadōdekw agatoke.

Attualmente Selezionati:

Zefaniya 2: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi