Itanguriro 5

5
Uruvyaro rwa Adamu
1 # Ita 1:26, 27; 1 Ngo 1:1; Luk 3:23-38. Iki n’igitabo kidōndōra uruvyaro rwa Adamu. Ku musi Imana yaremeyek’ umuntu, mw ishusho yayo ni ho yamuremye; 2irema abantu bar’ uburyo bubiri: irabahezagira, ibita Abantu, ku musi bāremeweko.
3Nuko Adamu amaze imyaka ijana na mirongwitatu avyara umuhungu afise ishusho yiwe, asa na we, amwita Seti. 4Adamu amaze kuvyara Seti, amara imyaka amajana munani, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga. 5#Ita 3:19.Imisi yose Adamu yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitatu: araheza arapfa.
6Seti amaze imyaka ijana n’iyindi itanu avyara Enoshi. 7Seti amaze kuvyara Enoshi, amara imyaka amajana munani n’indwi, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga. 8Imisi yose Seti yamaze yabaye imyaka amajana cenda n’icumi n’ibiri: araheza arapfa.
9Enoshi amaze imyaka mirongwicenda avyara Kenani. 10Enoshi amaze kuvyara Kenani, amara imyaka amajana munani n’icumi n’itanu, ayivyaramw’ abahungu n’ abakobga. 11Imisi yose Enoshi yamaze yabaye imyaka amajana cenda n’iyindi itanu: araheza arapfa.
12Kenani amaze imyaka mirongwirindwi avyara Mahalaleli. 13Kenani amaze kuvyara Mahalaleli, amara iyindi myaka amajana munani na mirongwine, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga. 14Imisi yose Kenani yamaze yabaye imyaka amajana cenda n’ icumi: araheza arapfa.
15Mahalaleli amaze imyaka mirongwitandatu n’itanu avyara Yeredi. 16Mahalaleli amaze kuvyara Yeredi, amara iyindi myaka amajana munani na mirongwitatu, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga. 17Imisi yose Mahalaleli yamaze yabaye imyaka amajana munani na mirongwicenda n’itanu: araheza arapfa.
18 # Yud 1:14. Yeredi amaze imyaka ijana na mirongwitandatu n’ibiri avyara Henoki. 19Yeredi amaze kuvyara Henoki, amara iyindi myaka amajana munani, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga. 20Imisi yose Yeredi yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitandatu n’ibiri: araheza arapfa.
21Henoki amaze imyaka mirongwitandatu n’itanu avyara Metusela. 22#Ita 6:9; 17:1; 2 Abam 20:3; Mik 6:8; Mal 2:6.Henoki amaze kuvyara Metusela agendana n’Imana imyaka amajana atatu, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga. 23Imisi yose Henoki yamaze yabaye imyaka amajana atatu na mirongwitandatu n’itanu. 24#2 Abam 2:11; Heb 11:5.Kandi Henoki yagendana n’Imana: araheza ntiyaba akiboneka, kukw Imana imujanye.
25Metusela amaze imyaka ijana na mirongumunani n’indwi avyara Lameki. 26Metusela amaze kuvyara Lameki amara iyindi myaka amajana ndwi na mirongumunani n’ibiri, ayivyaramw’ abahungu n’ abakobga. 27Imisi yose Metusela yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitandatu n’ icenda: araheza arapfa.
28Lameki amaze imyaka ijana na mirongumunani n’ibiri avyara umwana w’umuhungu: 29#Ita 3:17.amwita Nowa, at’ Uyu azoturuhura mu bikorwa vyacu no mu butame bg’ amaboko yacu butewe n’iri vu Uhoraho yavumye. 30Lameki amaze kuvyara Nowa amara iyindi myaka amajana atanu na mirongwicenda n’itanu, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga. 31Imisi yose Lameki yamaze yabaye imyaka amajana ndwi na mirongwirindwi n’indwi: araheza arapfa.
32Nowa amaze imyaka amajana atanu avyara Shemu na Hamu na Yafeti.

Выбрано:

Itanguriro 5: RUN1967

Выделить

Поделиться

Копировать

None

Хотите, чтобы то, что вы выделили, сохранялось на всех ваших устройствах? Зарегистрируйтесь или авторизуйтесь