Itanguriro 6

6
Ukw ingeso z’abantu zononekaye mw isi
1Maz’ abantu batanguye kugwira kw isi, bavyara abakobga, 2abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose. 3#Zab 78:39; 1 Pet 3:19, 20.Uhoraho aravuga, ati Mpwemu wanje ntazokwama aranyinyūrana n’umuntu ibihe vyose, kukw ar’ uw’ inyama gusa: nuko rer’ imisi yiwe izoba imyaka ijana na mirongwibiri. 4Mur’ ico gihe hār’ibigatanya mw isi, no mu gihe co hanyuma, abana b’Imana bamaze kurongora abakobga b’abantu, bakavyarana na bo abana: ni bo ba bahizi ba kera bābaye ba rurangiranwa. 5#Ita 8:21; Zab 14:2, 3; 51:5; Imig 6:18; Yer 17:9; Mat 15:19; Rom 3:23.Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo. 6#1 Sam 15:11; 2 Sam 24:16; Yes 63:10; Ef 4:30.Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima. 7Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye. 8#Ita 19:19; Kuv 33:12.Ariko Nowa we Uhoraho aramushima.
9 # Ita 5:22. Uru ni rwo ruvyaro rwa Nowa. Nowa yar’ umugororotsi, ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana n’ Imana. 10Yavyaye abahungu batatu, Shemu na Hamu na Yafeti. 11Kand’ isi yari yononekaye imbere y’Imana, yuzuye umuryano. 12#Zab 14:2, 3.Imana yitegereza isi, ibona ko yononekaye, kukw abari n’umubiri bose bo mw isi bāri bononye ingeso zabo.
Imana ibgira Nowa kubāza ubgato
13 # Ezk 7:2, 3, 6; Am 8:2. Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’ umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi. 14Wibāzire ubgato mu biti vyitwa goferu, ubucemw’ utwumba, ubuhome ishīshi imbere n’inyuma. 15Uz’ ububāze urtya: uburebure bg’umurambararo bg’ubgo bgato buze bube amatambge amajana atatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, amakika na yo az’ abe amatambge mirongwitanu, uburebure bg’igihagararo buze bube amatambge mirongwitatu. 16Kand’ ubgo bgato uz’ ubuce amadirisha, az’ asigaze itambge rimwe kuva ku musozo ahahera hejuru; umuryango w’ubgo bgato na wo uz’ uwushire mu rubavu rwabgo; kand’ uz’ ugerekeranye utwo twumba gatatu: utwo hasi n’utwo hagati n’utwo hejuru. 17#Ita 7:4; 2 Pet 2:5.Maze nanje nzozana umwuzure w’amazi mw isi, ngo mperengeteze musi y’ijuru ibifise umubiri vyose, biri n’ubugingo bihumeka; ibiri mw isi vyose bizopfa. 18Ariko nzoshinga isezerano nzogusezeranira: uzokwinjirana mur’ubgo bgato n’ abana bawe n’umugore n’abakazana bawe. 19Kandi mu bgoko bgose bg’ibiri n’ubugingo bifise umubiri, uze winjize mur’ ubgo bgato bibiri‐bibiri, kugira ngo birokokane nawe; ivyo bibe ikigabo n’ikigore. 20Mu biguruka, nk’ukw amoko yavyo ari, no mu bitungano, nk’ ukw amoko yavyo ari, no mu vyikwega hasi vyose, nk’ukw amoko yavyo ari, bibiri‐bibiri vy’amoko yose bizoza ah’ uri, ngo birokoke. 21Kand’ uze wijanire mu biribga vyose, ubiziganye, kuko bizoba ivyo kubatunga, mwe n’ivyo muri kumwe.
22 # Kuv 40:16; Heb 11:7. Nuko Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.

Выбрано:

Itanguriro 6: RUN1967

Выделить

Поделиться

Копировать

None

Хотите, чтобы то, что вы выделили, сохранялось на всех ваших устройствах? Зарегистрируйтесь или авторизуйтесь