Itanguriro 45
45
Yosefu yibarira bene se
1Maze Yosefu ntiyaba agishobora kwiyumanganya imbere y’abo bahagararanye bose; aca avuga n’ijwi rirenga, ati Ni mutaramure abantu bose. Nuko ntihagira uwundi muntu n’umwe asigarana na Yosefu, igihe yibarira bene se. 2Araturikisha ararira, Abanyegiputa baravyumva, no kwa Farawo baravyumva. 3#Ivyak 7:13.Yosefu abarira bene se, at’ Erega ni jewe Yosefu! Aho data aracariho? Bene se babura ico bovuga, kuko barandutse imitima kubona bar’ imbere yiwe. 4#Ita 37:28.Yosefu abarira bene se, at’ Enda ni munyegere. Baramwegera; aravuga, ati Ni jewe Yosefu mwene so, umwe mwaguze ngashōrwa muri Egiputa. 5#Ita 50:20; Zab 105:16, 17.None ntimubabare ngo mwirakire kuko mwanguze ngashōrwa ino: kukw Imana ari yo yatumye mbītangira imbere ngo mbe kirokora. 6#Ita 41:30.Ikigoyi kimaze imyaka ibiri mu gihugu, kandi haracasigaye iyindi myaka itanu batazoruha barimamwo canke ngo bimbure. 7Imana ni yo yatumye mbītangira imbere kugira ngw ibabogore, mugire ico musiga mw isi, ibarokoze agakiza gakomeye. 8#Ita 41:43.None rero si mwebge mwandungitse ino, n’Imana: kandi yampinduye nka se wa Farawo, n’umuzezwarugo wiwe wa vyose, no kuba umugaba w’igihugu cose ca Egiputa. 9Ni mwihute, mudūge kwa data, muze mushike mumubarira, mut’ Umwana wawe Yosefu yadutumye ngw Imana yamugize umugaba w’igihugu cose ca Egiputa: muti Manuka uze iy’ari, ntutebe. 10#Ita 46:34.Muti Kand’ uzoshika uba mu gihugu c’i Gosheni, ube hafi yiwe, mwe n’abana bawe n’abuzukuru bawe, n’imikuku yawe n’amasho yawe, n’ivy’ ufise vyose. 11#Ita 47:12.Kandi mut’ Azogutungirayo, kuko hagisigaye imyaka itanu y’ikigoyi, woye kuzohava ufūtāna, mwe n’inzu yawe n’ab’ ufise bose. 12#Ita 42:23.Kandi muravyibonera n’amaso yanyu, na mwene mama Benyamini aravyibonera, yukw ari jewe ubganje mvyikūriye mu kanwa. 13#Ivyak 7:14.Kandi muze mubarire data icubahiro canje cose mfise muri Egiputa, n’ivyo mwiboneye vyose, kandi muze munyarukane data kumushikana ino. 14Yosefu araheza agwa mw izosi Benyamini mwene nyina, ararira; Benyamini na we aririra kw izosi rya Yosefu. 15Agūmbīra bene se bose, abaririrako; hanyuma y’ ivyo bene se bararemerana, bayāga na we.
Farawo na Yosefu batuma kuzana Yakobo
16Inkuru y’ivyo ishika kwa Farawo, bat’ Ab’i wabo wa Yosefu baje; binezereza Farawo n’abantu biwe cane. 17Farawo abgira Yosefu, ati Barira ab’i wanyu bagenze bartya: baremēke ibintu vyabo indogoba, bagende, baje mu gihugu c’i Kanani; 18#Ita 47:6.bazane so n’abo mu ngo zabo, baze i wanje: nanje nzobaha ku vyiza‐vyiza vyo mur’iki gihugu ca Egiputa, bazorya ku biryoshe vyo mu gihugu. 19Nuko none ndabikugeze: ubabarire, bagenze bartya: bajane imikogote imwe yo mur’ iki gihugu ca Egiputa ikwegwa n’amafarasi, yo kuzana abana babo bato n’abagore babo, bazane na so, baze ino. 20Kandi ntibababazwe n’ ibintu vyabo: kukw ivyiza‐vyiza vyo mur’ iki gihugu cose ca Egiputa bizoba ivyabo.
21Nuko bene Isirayeli babigenza bartyo; Yosefu abaha imikogote, nk’uko Farawo yabigeze, abaha n’ impamba. 22#2 Abam 5:22, 23.Kand’ uko bangana, aha umuntu wese imyambaro yo gukūranya; arikw aha Benyamini intete z’ifeza amajana atatu, amuha n’imyambaro yo gukūranya itanu. 23Se na we iganuke yamurungikiye n’iri: indogoba cumi zigiye zīremētse ku vyiza‐vyiza vyo muri Egiputa, n’indogoba zivyara cumi zīremētse imihure y’impeke n’ivyo kurya n’impamba se azorīra mu nzira. 24Nukw asēzera bene se: bakiriko baragenda, arababgira, ati Mwirinde, ntimutanekw ibirake muri mu nzira!
25Nuko bava muri Egiputa, badūga mu gihugu c’i Kanani, bashika i muhira kwa se Yakobo. 26Baramubarira, bati Yosefu aracariho, ni we wa mugaba w’igihugu cose ca Egiputa. Umutima wiwe uca ugwa igihumura, ntiyavyemera. 27#Ita 45:19.Bamudōndera amajambo yose Yosefu yabatumye; se Yakobo abonye ya mikogote Yosefu yarungitse kumujana, umutima wiwe urarabūka. 28Isirayeli aravuga, ati Ni vyo bizi, ko Yosefu umwana wanje akiriho! Ndagenda nje kumubona ntarapfa!
Nu geselecteerd:
Itanguriro 45: RUN1967
Markering
Deel
Kopiëren

Wil je jouw markerkingen op al je apparaten opslaan? Meld je aan of log in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967