Itanguriro 46
46
Yakobo aja muri Egiputa
1 #
Ita 26:23-25. Nuko Isirayeli afata urugendo, arajonjora n’utwiwe twose, ashika i Beri‐sheba, aha Imana ibimazi arabikerera, Imana ya se Isaka. 2#Ita 15:1; Yob 33:14, 15.Maze mw ijoro Imana ihamagara Isirayeli ari nko mu nzozi, iti Yakobo we! ewe Yakobo! Aritaba, ati Sabge! 3#Ita 12:2; 28:13; Gus 26:5.Iramubarira, iti Nd’Imana, Imana ya so; ntutinye kumanuka muri Egiputa, kukw ari ho nzoguhindurira ihanga rikomeye. 4#Ita 28:15; 50:24; Kuv 3:8.Jewe ubganje nzomanukana nawe muri Egiputa, kandi ni jewe nzogukūrayo; kandi Yosefu ni we azohwamikira ingohe ku maso yawe igihe uzopfa.
5 #
Ita 45:27. Yakobo arahaguruka, ava i Beri‐sheba: bene Isirayeli bajana se Yakobo n’abana babo bato n’ abagore babo muri ya mikogote ikwegwa n’amafarasi Farawo yarungitse kumwimura. 6#Yos 24:4; Zab 105:23; Yes 52:4; Ivyak 7:15.Yakobo bo n’uruvyaro rwiwe rwose baja muri Egiputa, bajanye ibiyevera vyabo n’ibintu vyabo baronkeye mu gihugu c’i Kanani; 7ashikana muri Egiputa n’abahungu biwe n’abuzukuru biwe b’abahungu, n’ abakobga biwe n’abuzukuru biwe b’abakobga, n’uruvyaro rwiwe rwose.
Amazina y’uruvyaro rwa Yakobo
8 #
Kuv 1:1-5; 6:14-16. #
Guh 26:5, 6; 1 Ngo 5:1-3. Aya ni yo mazina y’Abisirayeli bagiye muri Egiputa, ni we Yakobo n’abana biwe. Imfura yiwe ni Reyubeni; 9bene Reyubeni ni Henoki, na Palu, na Hesironi, na Karumi. 10#Guh 26:12, 13; 1 Ngo 4:24.Bene Simeyoni ni Yemuweli, na Yamini, na Ohadi, na Yakini, na Sohari, bo na Sauli umwana yavyaye ku Munyakananikazi. 11#Guh 26:57; 1 Ngo 6:1.Bene Lewi ni Gerushoni na Kohati na Merari. 12#Ita 38:7, 10; 1 Ngo 2:3-5.Bene Yuda ni Eri, na Onani, na Shela, na Peresi na Zera: ariko Eri na Onani bapfiriye mu gihugu c’i Kanani. Bene Peresi ni Hesironi na Hamuli. 13#1 Ngo 7:1.Bene Isakari ni Tola, na Puva, na Yobu, na Shimuroni. 14#Guh 26:26.Bene Zebuloni ni Seredi na Eloni na Yakileli. 15#Ita 29:32-35; 30:17-21.Abo ni bo bamutse ku bo Leya yavyaranye na Yakobo bakir’ i Padan‐aramu, bavyara n’umukobga yitwa Dina: nukw abana biwe bose b’abahungu n’abakobga ni mirongwitatu na batatu. 16#Guh 26:15-17.Bene Gadi ni Sifiyoni, na Hagi, na Shuni, na Esiboni, na Eri, na Arodi, na Areli. 17#Guh 26:44-46; 1 Ngo 7:30, 31.Bene Asheri ni Imuna, na Ishiva, na Ishivi, na Beriya, na mushiki wabo Sera; bene Beriya ni Heberi na Malukiyeli. 18#Ita 29:24; 30:10-13.Abo ni bo bamutse ku bo Zilupa yavyaranye na Yakobo, Zilupa ari we Labani yahaye Leya umukobga wiwe kumucorekera: n’ icumi na batandatu. 19Bene Rakeli muka Yakobo, ni Yosefu na Benyamini. 20#Ita 41:50-52.Yosefu yavyaye Manase na Efurayimu, ari mu gihugu ca Egiputa, abavyara kuri Asenati umukobga wa Potifera, umuherezi wo mu gisagara Oni. 21#Guh 26:38-40; 1 Ngo 7:6, 12.Bene Benyamini ni Bela, na Bekeri, na Ashibeli, na Gera, na Namani, na Ehi, na Roshi, na Mupimu, na Hupimu, na Arudi. 22Abo ni bo bamutse ku bo Rakeli yavyaranye na Yakobo: bose n’ icumi na bane. 23#Guh 26:42.Mwene Dani ni Hushimu. 24#Guh 26:48, 49; 1 Ngo 7:13.Bene Nafutali ni Yakiseli, na Guni, na Yeseri, na Shilemu. 25#Ita 29:29; 30:5-8.Abo ni bo bamutse ku bo Biluha yavyaranye na Yakobo, Biluha ari we Labani yahaye Rakeli umukobga wiwe kumucorekera: bose n’ indwi. 26Abantu bose bajanye na Yakobo muri Egiputa, bakomōtse kuri we, udashizemw’ abakazana biwe, bose na bose bari mirongwitandatu na batandatu. 27#Kuv 1:5; Gus 10:22; Ivyak 7:14.Abahungu Yosefu yavyaye ari muri Egiputa ni babiri; nukw abantu bose b’inzu ya Yakobo bagiye muri Egiputa bari mirongwirindwi.
Yakobo yongera kubona Yosefu
28Yakobo atuma Yuda ngw amwītangire imbere aje kwa Yosefu, ngw amurangire inzira ija i Gosheni: nuko bashika mu gihugu c’i Gosheni. 29Yosefu azirikisha umukogote wiwe ku mafarasi, adūga i Gosheni ngw asanganire se Isirayeli; aramwibarira, amugwa mw izosi, aririra kw izosi ryiwe umwanya munini. 30#Luk 2:29, 30.Isirayeli abarira Yosefu, ati Ni vyo bizi, naho nopfa, ko nkubonye ukiriho!
31Maze Yosefu abarira bakuru be n’ab’i wabo, ati Ngiye kubgira Farawo yuko bakuru banje n’ab’i wacu bahora mu gihugu c’i Kanani bashitse ino, 32kandi kw ar’ abama baragira, kukw ar’ abanyenka; kandi ko bazanye imikuku yabo n’amasho yabo, n’ivyo bafise vyose. 33Nuko Farawo ni yabahamagaza, akababaza, 34#Ita 37:12; 43:32; Kuv 8:26.at’ Umwuga wanyu n’umuki? muze mumwishure, mut’ Abasavyi bawe tur’ abanyenka, guhera mu buto bgacu kugeza n’ubu, twebge ubgacu uhereye no kuri ba sogokuruza. Muvuge murtyo kugira ngo mugerērwe mu gihugu c’i Gosheni, kuk’ ūragira wese ar’ umunenwa ku Banyegiputa.
Nu geselecteerd:
Itanguriro 46: RUN1967
Markering
Deel
Kopiëren

Wil je jouw markerkingen op al je apparaten opslaan? Meld je aan of log in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967