Yohana 20

20
Ukuzuka kwa Yesu
1Kare mu gitondo ku musi wa mbere w’indwi, mu bucagucagu, Mariya Magadalena yazindutse ku mva asanga ca kibuye cari cugaye imva cakuweho. 2Nuko ariruka aja kurondera Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababwira ati: “Bakuye Umwami mu mva, kandi ntituzi iyo bamushize.”
3Petero n’uwo mwigishwa wundi bafata inzira baja ku mva. 4Uko ari babiri bagiye biruka, ariko wa mwigishwa wundi ariruka asiga Petero, ashika ku mva ubwa mbere. 5Maze arunama araba mu mva, abonayo vya bitambara vyera ariko ntiyinjira. 6Simoni Petero na we ashika inyuma yiwe, yinjira mu mva, abonayo vya bitambara vyera, 7hamwe n’igitambara cari kizingiriye ku mutwe wa Yesu. Ico gitambara cari ukwaco kizinguruye. 8Mu nyuma, wa mwigishwa yashika ku mva ubwa mbere na we yinjira mu mva, aravyibonera kandi arizera. 9(Gushika ico gihe abigishwa ntibari bwatahure Ivyanditswe bivuga ko Yesu yategerezwa kuzuka mu bapfuye.) 10Maze ba bigishwa baca basubira i muhira.
Yesu yiyereka Mariya Magadalena
11Ariko Mariya yari ahagaze hanze, hafi y’imva, arira. Akiriko ararira arunama araba mu mva, 12abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye aho ikiziga ca Yesu cari kiryamye, umwe ahari umutwe, uwundi ahari ibirenge.
13Baramubaza bati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira?”
Arabishura ati: “Batwaye Umwami wanje, kandi sinzi aho bamushize.” 14Ahejeje kuvuga ivyo, arahindukira abona Yesu ahagaze hafi yiwe, ariko ntiyamumenya.
15Yesu aramubaza ati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira? Urondera nde?”
Mariya yiyumviriye ko ari umurimyi wo muri iryo tongo, aramubwira ati: “Mushingantahe, nimba ari wewe wamutwaye, mbwira aho wamushize nje kumutora.”
16Yesu aca aramuhamagara ati: “Mariya.”
Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: “Rabuni!” (bisigura “Mwigisha”).
17Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”
18Mariya Magadalena aca aja aho abigishwa bari bari arababwira ati: “Nabonye Umwami!” Aca ababwira ivyo Yesu yamubwiye.
Yesu yiyereka abigishwa biwe
19Ku mugoroba w’uwo musi, ari wo musi wa mbere w’indwi, abigishwa bari bakoraniye hamwe biyugaranye kuko batinya abakuru b’Abayuda. Maze Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!” 20Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’urubavu vyiwe. Abigishwa baranezerwa cane babonye Umwami.
21Yesu yongera kubabwira ati: “Amahoro abane namwe! Nk’uko Data yantumye, ni ko nanje ndabatumye.” 22Ahejeje kuvuga ivyo, abahumekerako, arababwira ati: “Nimwakire Mpwemu Yera. 23Umuntu wese muzoharira ivyaha, azobiharirwa; kandi uwo mutazobiharira, ntazobiharirwa.”
Yesu yiyereka Toma
24Toma (uwo batazira Ihasa), umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, ntiyari kumwe n’abandi bigishwa igihe Yesu yaza. 25Abandi bigishwa baramubwira bati: “Twabonye Umwami!”
Ariko arababwira ati: “Ivyo sinshobora kuvyemera ntiboneye inkovu z’imisumari mu biganza, nkazikozako urutoke rwanje, ngashira n’ikiganza canje mu nkovu yo mu rubavu rwiwe.”
26Haheze indwi, abigishwa ba Yesu basubira gukoranira hamwe mu nzu, kandi na Toma yari kumwe na bo. Imiryango y’inzu yari yugaye, ariko Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!” 27Maze abwira Toma ati: “Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere.”
28Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”
29Yesu aramubwira ati: “Wizeye kubera umbonye? Hahirwa abizera batarinze kubona.”
Intumbero y’Ubutumwa Bwiza bwanditswe na Yohana
30Hari n’ibindi bitangaza vyinshi Yesu yakoreye mu maso y’abigishwa biwe bitanditswe muri iki gitabu. 31Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.

ಪ್ರಸ್ತುತ ಆಯ್ಕೆ ಮಾಡಲಾಗಿದೆ:

Yohana 20: BKC

Highlight

ಶೇರ್

ಕಾಪಿ

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in