Yohana 21

21
Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga
1Inyuma y’ivyo, Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga c’i Tiberiya. Ng’uku uko vyagenze: 2Simoni Petero, Toma (uwo batazira Ihasa), Natanayeli w’i Kana i Galilaya, abahungu ba Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri bari kumwe. 3Simoni Petero arababwira ati: “Jewe ngiye kuroba.” Nabo baramubwira bati: “Turajana.” Nuko baragenda baja mu bwato, ariko ntibaroba ifi n’imwe iryo ijoro.
4Kare mu gitondo, Yesu ahagarara ku nkengera y’ikiyaga, ariko ba bigishwa ntibashobora kumenya uwo ari we.
5Arabahamagara ati: “Bagenzi, nta fi mufise?”
Na bo bati: “Oya!”
6Arababwira ati: “Nimuterere urusenga ku ruhande rw’i buryo bw’ubwato, muraronka.” Nuko baterera urusenga, maze ntibashobora kurukwega kubera ifi zari nyinshi.
7Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami!” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye) asimbira mu mazi. 8Abandi bigishwa bagumye mu bwato bakwegera rwa rusenga rwuzuye ifi ku nkengera, kuko bari nko ku metero ijana. 9Bururutse ubwato babona umuriro w’amakara wokejeko ifi, babona n’imikate.
10Yesu arababwira ati: “Nimuzane zimwe muri izo muhejeje kuroba.” 11Nuko Simoni Petero asubira mu bwato akwegera ku nkengera y’ikiyaga rwa rusenga rwuzuye ifi nininini, zishika ijana na mirongo itanu na zitatu. Ariko naho zari nyinshi, urusenga ntirwatabutse. 12Yesu arababwira ati: “Nimuze mufungure.” Nta n’umwe muri ba bigishwa yubahutse kumubaza uwo ari we, kuko bari batahuye ko ari Umwami. 13Nuko Yesu arabegera, abagaburira wa mukate, abaha n’ifi. 14Ubwo bwagira gatatu Yesu yiyereka abigishwa inyuma yo kuzuka kwiwe.
Yesu na Petero
15Bahejeje gufungura, Yesu abwira Simoni Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda kurusha aba?”
Petero aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.”
Yesu na we ati: “Gaburira imyagazi y’intama zanje.”
16Yesu yongera kubaza Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda?”
Aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.”
Yesu aramubwira ati: “Ragira intama zanje.”
17Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?”
Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.”
Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje. 18Ndakubwire ukuri, ukiri muto wariyambika ukaja aho ushaka; ariko niwasaza, uzogorora amaboko yawe, uwundi muntu akwambike akujane aho udashaka kuja.” 19Yesu yavuze ivyo ashaka kwerekana urupfu Petero azopfa ahesha Imana icubahiro. Aca abwira Petero ati: “Nkurikira!”
20Nuko Petero arahindukira abona wa mwigishwa Yesu yakunda ariko arabakurikira. (Uwo ni umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko barafungura akamubaza ati: “Mwami, ni nde agiye kukugurisha?”) 21Petero amubonye abaza Yesu ati: “Mwami, urya we ivyiwe bizogenda gute?”
22Yesu aramwishura ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki? Wewe nkurikira gusa.” 23Ivyo vyatumye haba ibihuha hagati mu bizera ko uwo mwigishwa atazopfa. Ariko Yesu ntiyavuze ngo ntazopfa; yavuze ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki?”
24Uwo mwigishwa ni we ashingira intahe ivyo kandi ni na we yavyanditse. Kandi turazi ko intahe yiwe ari iy’ukuri.
25Yesu yarakoze n’ibindi bintu vyinshi. Iyo vyose vyandikwa, nibaza ko n’isi yose itokwiwemwo ibitabu vyokwanditswe.

ಪ್ರಸ್ತುತ ಆಯ್ಕೆ ಮಾಡಲಾಗಿದೆ:

Yohana 21: BKC

Highlight

ಶೇರ್

ಕಾಪಿ

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in