Yohana 19

19
Bacira Yesu urubanza rwo kubambwa
1Nuko Pilato afata Yesu ategeka ko bamutonagura. 2Abasoda bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika ku mutwe, bamwambika n’impuzu y’ubwami, 3bamwegera kenshi bavuga bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!” Bongera bamukubita mu maso.
4Pilato yongera gusohoka abwira Abayuda bari bakoraniye aho ati: “Ngira ndamusohore ndamubazanire, ariko mumenye ko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.” 5Nuko Yesu asohoka yambaye urugori rw’amahwa ku mutwe n’impuzu y’ubwami. Pilato arababwira ati: “Ng’uwu wa muntu!”
6Abakuru b’abaherezi n’abarinzi b’urusengero bamubonye, barasemerera bati: “Nabambwe! Nabambwe!”
Pilato arabishura ati: “Nimumujane mwebwe mumwibambire kuko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.”
7Abakuru b’Abayuda baramwishura bati: “Dukurikije ivyagezwe vyacu, akwiye gupfa kuko yiyise Umwana w’Imana.”
8Pilato yumvise ayo majambo, agira ubwoba bwinshi. 9Aca asubiza Yesu mu kirimba, aramubaza ati: “Uri uwa he?” Ariko Yesu ntiyagira ico amwishura. 10Pilato aramubaza ati: “Ni kuki utanyishura? Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura canke kukubamba?”
11Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”
12Kuva ako kanya, Pilato agerageza kurekura Yesu, ariko abakuru b’Abayuda babandanya basemerera bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba ukiri umugenzi wa Kayisari. Umuntu wese yiyita umwami aba agararije Kayisari.”
13Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, ahantu hitwa Umusezero w’Amabuye (mu rurimi rw’Igiheburayo hitwa Gabata). 14Hari nk’isaha zitandatu ku musi wo kwitegurira Pasika.
Nuko Pilato abwira Abayuda ati: “Ng’uwu umwami wanyu!”
15Barasemerera bati: “Napfe! Napfe! Nabambwe!”
Pilato arababaza ati: “Mushaka ko mbamba umwami wanyu?”
Abakuru b’abaherezi baramwishura bati: “Nta wundi mwami dufise atari Kayisari.”
16Pilato aca atanga Yesu kugira ngo bamubambe.
Ukubambwa kwa Yesu
Nuko baramufata baramujana. 17Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota). 18Aho ni ho bamubamvye. Hari n’abandi bantu babiri babambanywe na we: umwe hirya, uwundi hino, Yesu na we asigara hagati.
19Maze Pilato ategeka ko bandika icandiko bakakimanika ku musaraba. Ico candiko cavuga ngo:
yesu w’i nazareti, umwami w’abayuda.
20Abayuda benshi barasomye ico candiko, kuko aho Yesu yari abambwe hari hegereye igisagara, kandi ico candiko cari canditswe mu Giheburayo, mu Kilatini no mu Kigiriki. 21Abakuru b’abaherezi babwira Pilato bati: “Reka kwandika ngo: ‘Umwami w’Abayuda,’ hindura wandike uti: yavuze ngo ni umwami w’Abayuda.”
22Pilato arabishura ati: “Ico nanditse, nacanditse.”
23Bahejeje kubamba Yesu, abasoda bafata impuzu ziwe bazigaburamwo kune, umusoda wese atwara umuce, basigaza ikanzu yiwe. Iyo kanzu ntiyagira umubaririro, yari igizwe n’igitambara kimwe kuva hejuru gushika hasi.
24Baravugana bati: “Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira.”#19:24 Zaburi 22:18
Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo:
“Bagabuye impuzu zanje,
bapfindira umutamana wanje.”
Ivyo ni vyo abasoda bakoze.
25Hafi y’umusaraba wa Yesu, hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalena. 26Yesu abonye nyina ahagaze aho, na wa mwigishwa Yesu yakunda amwegereye, abwira nyina ati: “Muvyeyi, ng’uwo umwana wawe,” 27abwira wa mwigishwa ati: “Ng’uwo umuvyeyi wawe.” Kuva ico gihe, wa mwigishwa aca ajana Mariya iwe.
Urupfu rwa Yesu
28Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.” 29Hafi yaho hari umubindi urimwo inkarisha, maze abasoda bafata ipampa barijobeka muri ya nkarisha, baridugisha ishami rya ezobu ku munwa wa Yesu. 30Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana.
31Kubera ko wari umusi wo kwitegurira Isabato idasanzwe, kuko bwaca ari Pasika; abakuru b’Abayuda ntibashaka ko abantu baguma bamanitse ku misaraba ku musi w’Isabato. Ni co catumye basaba Pilato ko babavuna amaguru, bakururutsa ibiziga vyabo. 32Nuko abasoda baraza bavuna amaguru ya bamwe babiri bari babambanywe na Yesu. 33Ariko bashikiriye Yesu basanga yamaze gucikana, ntibaba bakimuvuna amaguru. 34Umwe mu basoda acumita Yesu icumu mu rubavu, haseseka amaraso n’amazi. 35Uwabibonye ni we yabishingiye intahe, kandi intahe yiwe ni iy’ukuri, kandi ashinga iyo ntahe kugira ngo mwizere. 36Ibi vyabaye kugira ngo hashitswe Ivyanditswe bivuga ngo: “Nta na rimwe mu magufa yiwe rizovunika.”#19:36 Kuvayo 12:46; Guharura 9:12; Zaburi 34:20 37Ahandi Ivyanditswe bivuga ngo: “Bazobona uwo bacumise.”#19:37 Zekariya 12:10
Uguhambwa kwa Yesu
38Inyuma y’ivyo, Yosefu w’i Arimataya asaba Pilato uruhusha rwo kumanura ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu kinyegero, kuko yatinya abakuru b’Abayuda. Pilato amwemereye, Yosefu araza ajana ikiziga ca Yesu. 39Yari kumwe na Nikodemu, umwe yagendera Yesu mw’ijoro. Nikodemu yari yaje azanye nk’ibiro mirongo itatu vy’ibimota neza. 40Nuko bafata ikiziga ca Yesu bakizingira mu bitambara vyera, bashiramwo na vya bimota neza, nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba. 41Hafi y’aho Yesu yabambwe hari itongo, kandi muri iryo tongo hari imva nshasha, itari bwigere ihambwamwo umuntu. 42Kubera wari umusi wo kwitegurira Isabato y’Abayuda, kandi iyo mva ikaba yari hafi, Yosefu na Nikodemu baciye baryamika ikiziga ca Yesu muri iyo mva.

ಪ್ರಸ್ತುತ ಆಯ್ಕೆ ಮಾಡಲಾಗಿದೆ:

Yohana 19: BKC

Highlight

ಶೇರ್

ಕಾಪಿ

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in