Yohana 18

18
Bafata Yesu
1Yesu ahejeje gusenga, ajabuka umwonga wa Kidironi ari kumwe n’abigishwa biwe, maze baja mw’itongo ryari hakurya.
2Yuda, uwagira amugurishe, yari ahazi, kuko Yesu yakunda kujana n’abigishwa biwe muri iryo tongo. 3Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.
4Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”
5Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.”
Na we ababwira ati: “Ni jewe.” (Kandi Yuda, uwagira amugurishe, yari ahagararanye na bo.) 6Yesu avuze ati: “Ni jewe,” baca bagenza umugongo, baratemba.
7Yesu yongera arababaza ati: “Murondera nde?”
Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.”
8Na we abishura ati: “Nababwiye ko ari jewe. Nimba ari jewe murondera, nimureke aba turi kumwe bigire.” 9Ivyo yabikoze kugira ngo ashitse ico yari yavuze, aho yavuga ati: “Sinazimije n’umwe mu bo wampaye.”#18:9 Yohana 6:39
10Maze Simoni Petero, yari asanganywe inkota, arayisokora, ayikubita umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi. (Uwo mugurano yitwa Malikusi.)
11Yesu aca abwira Petero ati: “Subiza inkota mu rwubati. Mbega sinkwiye kunywa ku gikombe c’umubabaro Data yampaye?”
12Nuko wa mugwi w’abasoda n’umukuru wabo hamwe na ba barinzi b’urusengero bafata Yesu baramuboha, 13babanza kumujana kwa Anasi, sebukwe wa Kayafa, umuherezi mukuru muri uwo mwaka. 14Kayafa ni we yari yahanuye abakuru b’Abayuda ababwira ko vyoba vyiza ko umuntu umwe apfira abantu.
Petero yihakana Yesu
15Nuko Simoni Petero n’uwundi mwigishwa bakurikira Yesu. Uwo mwigishwa wundi yari azwi n’umuherezi mukuru, ivyo vyatumye yemererwa kwinjirana na Yesu mu rugo rw’umuherezi mukuru, 16ariko Petero we asigara hanze. Maze wa mwigishwa yari azwi n’umuherezi mukuru aragaruka avugana n’umukobwa yarinda umuryango, na we yemerera Petero kwinjira.
17Wa mukobwa arinda umuryango abaza Petero ati: “Ubwo wewe nturi umwe mu bigishwa b’uwu mugabo?”
Petero aramwishura ati: “Oya sindi we.”
18Kubera hari hakanye, abakozi n’abarinzi baciye bacana umuriro, bahagarara i ruhande yawo bota. Petero na we nyene ahagararana na bo yota.
Umuherezi mukuru asambisha Yesu
19Ico gihe, umuherezi mukuru yariko arasambisha Yesu ku vyerekeye abigishwa biwe n’inyigisho ziwe.
20Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje. 21Ni kuki munsambisha? Nimubaze abanyumvirije; barazi ivyo navuze.”
22Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, umwe mu barinzi bari bahagaze hafi yiwe amukubita urushi mu maso, aramubaza ati: “Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?”
23Yesu aramwishura ati: “Ninaba mvuze ibinyoma, vyerekane. Ariko nimba mvuze ukuri, unkubitiye iki?” 24Nuko Anasi aca arungika Yesu aboshwe kwa Kayafa, umuherezi mukuru.
Petero asubira kwihakana Yesu
25Ico gihe, Simoni Petero yari agihagaze ha handi yota umuriro. Nuko baramubaza bati: “Wewe utegerezwa kuba uri umwe mu bigishwa biwe!”
Na we arabihakana ati: “Sindi we.”
26Umwe mu bagurano b’umuherezi mukuru yari incuti ya wa muntu Petero yaca ugutwi aramubwira ati: “Wewe sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?” 27Petero yongera kubihakana, maze uwo mwanya nyene isake ica irabika.
Yesu imbere ya Pilato
28Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika. 29Nuko Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza ati: “Uwu muntu mumwagiriza iki?”
30Baramwishura bati: “Ntitwari kumukuzanira ata kimwagira.”
31Pilato arababwira ati: “Nimumujane mwebwe nyene mumucire urubanza mukurikije amategeko yanyu.”
Baramwishura bati: “Ntitwemerewe gucira umuntu urubanza rwo gupfa.” 32Ibi vyabaye kugira ngo bishitse ico Yesu yari yaravuze igihe yavuga urupfu yari agiye gupfa.
33Nuko Pilato asubira ku kirimba, ahamagara Yesu, aramubaza ati: “Uri Umwami w’Abayuda?”
34Yesu aramubaza ati: “Ibi ubibajije bivuye muri wewe canke ni ivyo wumvise abandi bamvugako?”
35Pilato aramwishura ati: “Ubona jewe ndi Umuyuda? Abo mu bwoko bwawe n’abakuru b’abaherezi banyu ni bo bakunzaniye. Wagirizwa iki?”
36Yesu aramubwira ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo buba ubwo muri iyi si, abayoboke banje bari kungwanira bakabuza abakuru b’Abayuda kumfata. Ariko Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.”
37Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!”
Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”
38Pilato aramubaza ati: “Ukuri ni iki?” Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasohoka aja aho Abayuda bari bakoraniye, ababwira ati: “Nta kintu na kimwe kimwagira. 39Ariko musanzwe mufise umugenzo wo kunsaba imbohe imwe mu gihe c’imisi mikuru ya Pasika. Mushaka ko ndabarekurira Umwami w’Abayuda?”
40Barasemerera bati: “Oya, si we dushaka! Turekurire Baraba!” Uwo Baraba yari umugumutsi.

ಪ್ರಸ್ತುತ ಆಯ್ಕೆ ಮಾಡಲಾಗಿದೆ:

Yohana 18: BKC

Highlight

ಶೇರ್

ಕಾಪಿ

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in