Logo YouVersion
Icona Cerca

Mariko 11

11
Yesu ashika i Yerusalemu ari ku nyana y’indogoba
1 # Mat 21:1-9; Luk 19:29-38; Yoh 12:12-16. Bageze hafi y’i Yerusalemu, bashikira i Betifage n’i Betaniya ku musozi wa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa biwe, 2arababarira, ati Muje mur’ iriya mihana ir’ imbere yanyu; ni mwayishikamwo, muca mubona inyana y’indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako: muyiziture muyizane. 3#Mrk 14:14.Kandi ni hagira ūbabaza, at’ Ivyo mubikoreye iki? Mumwishure, muti Databuja ni we ayigomba. Uwo mwanya arayirungika ino. 4Baragenda, basanga inyana y’indogoba iziritse i ruhande y’irembo ku nzira, barayizitura. 5Bamwe mu bahahagaze barababaza, bati Mukora iki ko muzitura iyo nyana? 6Na bo babishura nk’uko Yesu yababariye: barabareka. 7Bazana iyo nyana aho Yesu ari, bayishirakw impuzu zabo, ayicarako. 8Benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi basasa amashami y’ibiti, ayo baciye mu matongo. 9#Zab 118:25, 26.Abar’ imbere yiwe n’abamukurikiye barasemerera, bati Hoziyana, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, 10ubgami buje bushimwe, ni bgo bga sogokuruza Dawidi; Hoziyana mw ijuru.
11 # Mat 21:12-22; Luk 19:45-48. Ashika i Yerusalemu, yinjira mu rusengero, maz’ ahejeje kweraguza vyose, kuko bgari bugorovye, arasohoka, aja i Betaniya, ajanye na bamwe cumi na babiri.
Yesu avuma umusukoni
12Bukeye bamaze kuva i Betaniya, yumva arashonje. 13#Luk 3:9; 13:6-9.Akiri kure, abona umusukoni urikw amababi, arawēgēra ngo kumbure yogira ic’ awusangako: awushitseko ntiyagira ic’ awubonako, atar’ amababi: kuko kitār’ igihe co kwama c’umusukoni. 14#Mrk 11:20.Arawubgira, ati Ntugapfe har’ ūriye ku nsukoni zawe uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira. Abigishwa biwe baravyumva.
Yesu yirukana abahumanya urusengero
15 # Yoh 2:14-16. Bashika i Yerusalemu. Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abarudandarizamwo n’abaruguriramwo, ahenura ameza y’abāvunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma, 16ntiyakundira umuntu n’umwe guhita mu rusengero atwaye ikintu co mu mbombovu. 17#Yes 56:7; Yer 7:11.Arigisha arababgira, ati Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose? Ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi. 18Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bavyumvise barondera ingene bomwica, kuko bāmutinya, kukw abantu bose batangazwa n’inyigisho ziwe. 19Iyo bugorovye, yama ava mu gisagara.
Umusukoni Yesu yavumye babona wumye: yigisha ivyo gusenga
20 # Mrk 11:14. Bukeye kare‐kare bariko barahita babona wa musukoni, wahereye ku mizi wakabiranye. 21Petero yibutse aramubgira, ati Mwigisha, ehe wa musukoni wavumye wakabiranye. 22#Yoh 14:1.Yesu aramwishura, arababgira, ati Mwamane ukwizera Imana. 23#Mat 17:20; Luk 17:6.Ndababgira ukuri yuk’ umuntu wese yobgira uyu musozi, ati Shingūka utabge mu kiyaga: ntabikekeranye mu mutima, arikw akizera yukw ico avuze gikorwa, azokibona. 24#Mat 7:7; Yoh 14:13; 16:23.Ni co gitumye mbabgira yukw ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere yuko mubihawe, kandi muzobibona. 25#Mat 6:14, 15.Kandi ni mwahagarara musenga, ni haba har’ ico mupfa n’uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu:#Mat 5:23. [26ariko ni mutāharira abandi, na So wo mw ijuru ntazobaharira ivyaha vyanyu.]
Abaherezi bakuru babaza Yesu ububasha bgiwe
27 # Mat 21:23-27; Luk 20:1-8. Bongera kuja i Yerusalemu. Akigendagenda mu rusengero, abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe baza kuri we, 28baramubaza, bati N’ububasha ki bugutera gukora ivyo? Canke ni nde yaguhaye ubgo bubasha bgo kubikora? 29Yesu arabishura, ati Nanje hinge ndababaze ijambo rimwe, munyishure; mpeze ndababarire ububasha bunkoresha ivyo. 30Non’ ukubatiza kwa Yohana kwaturutse mw ijuru, canke se mu bantu? Ni munyishure. 31Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera? 32Ariko mbega tuvuge tuti Ni mu bantu? Batinya abantu, kuko bose biyumvira badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana. 33Bishura Yesu, bati Ntituhazi. Yesu arababgira, ati Nuko rero nanje simbabgira ububasha bunkoresha ivyo.

Attualmente Selezionati:

Mariko 11: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi