1
Mariko 11:24
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Ni co gitumye mbabgira yukw ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere yuko mubihawe, kandi muzobibona.
Confronta
Esplora Mariko 11:24
2
Mariko 11:23
Ndababgira ukuri yuk’ umuntu wese yobgira uyu musozi, ati Shingūka utabge mu kiyaga: ntabikekeranye mu mutima, arikw akizera yukw ico avuze gikorwa, azokibona.
Esplora Mariko 11:23
3
Mariko 11:25
Kandi ni mwahagarara musenga, ni haba har’ ico mupfa n’uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu: [
Esplora Mariko 11:25
4
Mariko 11:22
Yesu aramwishura, arababgira, ati Mwamane ukwizera Imana.
Esplora Mariko 11:22
5
Mariko 11:17
Arigisha arababgira, ati Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose? Ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.
Esplora Mariko 11:17
6
Mariko 11:9
Abar’ imbere yiwe n’abamukurikiye barasemerera, bati Hoziyana, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho
Esplora Mariko 11:9
7
Mariko 11:10
ubgami buje bushimwe, ni bgo bga sogokuruza Dawidi; Hoziyana mw ijuru.
Esplora Mariko 11:10
Home
Bibbia
Piani
Video