Logo YouVersion
Icona Cerca

Mika 3

3
Imbūri zo ku bakuru b’Abisirayeli no ku bavugishwa b’ibinyoma
1 # Yer 5:5. Maze ndavuga, nti Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli: mbega si mwebge mwari mukwiye kumenya imanza ziroranye? 2#Ezk 34:3.Yemwe abanka ivyiza mugakunda ibibi; abantu banje mukaborosorako urukoba rwabo, mugaharura inyama ku magufa yabo; 3#Zab 14:4.kandi mukarya inyama z’abantu banje, mukababāgak’ urukoba, mukabajanjagura amagufa, mukabatimbagura nk’izo gushira mu nzīhebe, nk’inyama zo gushira mu nkono! 4#Gus 31:17; Imig 1:28; Yes 1:15.Maze namwe har’ igihe muzotakambira Uhoraho, ntabishure, mber’ azobahisha mu nyonga hiwe ico gihe, nk’uko namwe mwagize nabi mu vyo mwakoze.
5 # Yer 6:14; 23:13. Ku vy’abavugishwa bazimiza abantu banje, bagasemerera, bati N’amahoro, iyo bagize ico babugunyīra, arik’ ūtagize ico ashira mu kanwa kabo bitegura kumurwanya; ibi ni vyo Uhoraho avuga kuri bo, 6#Ezk 12:24; Am 8:9.ati Kubg’ ivyo hazobabera ijoro, mwoye kugira ico mwerekwa, kandi hazobabera umwiza, mwoye kugira ico muragura; kand’ izuba rizodoberera kur’ abo bavugishwa, buzobazingirakw ināni ku murango. 7#Am 8:11; Zek 13:4.Abamenyi bazotētērwa, n’abapfumu bamāramāre; mbere bose bazojorerwa, kukw ata co bishuwe kivuye ku Mana. 8#Yes 58:1.Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ ukuroranya n’inkomezi, mbihawe na Mpwemu w’Uhoraho, kugira ngo mmenyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli ndamumenyeshe icaha ciwe.
9Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose; 10#Yer 22:13; Ezk 22:27; Hab 2:12.abubakisha Siyoni amaraso muvishije, n’i Yerusalemu mukahubakisha ibigabitanyo! 11#Yes 1:23; 48:2; Yer 6:13; 7:4; 23:17; Mik 7:3.Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako. 12#Yer 26:18.Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.

Attualmente Selezionati:

Mika 3: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi