Logo YouVersion
Icona Cerca

Mika 4

4
Mika avugishwa ivy’ ubgami bg’amahoro buzobaho
1 # Yes 2:2-4. Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’ iyindi mirambi; kand’ amoko azosendanisha aja kuri wo. 2Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho. 3#Yow 3:10.Azocira imanza amoko menshi, ahane amahanga akomeye ya kure; inkota zabo bazozivunjavunja bazicuremw’ amasuka, n’amacumu bazoyavunjavunja bayakūremw’ inkero;#4:3 inkero ni zo nyabuhoro. nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi. 4#1 Abam 4:25; Yes 1:20.Arik’ umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ ingabo ari ko kabivuze. 5#Zek 10:12.Kukw ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina ry’Uhoraho Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.
6 # Ezk 11:17; 34:16. Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, nzokoraniriza hamwe abacumbagira, nkumakume abasanzaye, n’abo nababaje; 7#Zab 2:6; Yes 24:23; Luk 1:33; Heb 12:22.kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira. 8Nawe, mutara wo kurābirak’ umukuku, umusozi w’umukobga w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bga bgami bg’umukobga w’i Yerusalemu.
9 # Yer 8:19. None se n’iki gituma uvuza induru? Mbega nta mwami ari muri wewe? Canke se umujanama wawe yapfuye, kw ibise bigufashe nk’umugore aramutswe? 10#Yes 39:6, 7; 44:22, 23.Ribga, unihe, ewe mukobga w’i Siyoni, nk’umugore aramutswe; kuk’ ugira ng’ uve mu gisagara, ube mu gahinga, mber’ uzoruha ushike n’i Babuloni: iyo ni ho uzorokorerwa; iyo ni ho Uhoraho azogucungurira, agukūre mu maboko y’abansi bawe. 11#Ob 1:12; Mik 7:10; Zek 12:3.Ubu amahanga menshi akoraniye kugutera, aravuga, ati Siyoni ni hahumanywe, amaso yacu avyibonere! 12#Hab 3:12; Mat 3:12.Ariko ntibazi ivyiyumviro vy’Uhoraho, canke ngo batahure imigabo yiwe, yuko yabakoranirije hamwe nk’imikama irunze ku mbuga. 13#Lew 27:28; Zab 97:5; Yes 23:18.Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.

Attualmente Selezionati:

Mika 4: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi