Logo YouVersion
Icona Cerca

Mika 2

2
Ibara rizobonwa n’abanse kwihana
1 # Zab 36:4. Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye! 2#Yes 5:8.Bifuza amatongo bakayanyaga, n’amazu bakayikumirako; bagahahaza umuntu n’abo mu nzu yiwe, mber’ umuntu bamuhahazanya n’ishamvu yiwe. 3#Yer 8:3; Am 3:1, 2; 5:13.Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba, ivyo nanje nigereye n’icago nzotēza uyu muryango; kandi ntimuzocigobotora mu mazosi, canke ngo mugende muraritse agatwe; kuko kizoba ar’ igihe kibi. 4#Hab 2:6.Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije abanyazi! 5Ni co gituma mw ikoraniro ry’Uhoraho utazobona uwo kugeresha ishamvu umugozi.
6 # Am 2:12. Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho. 7Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, vyoshoboka kuvugwa, ngo Mbega Mpwemu w’Uhoraho yoba ikirandamuke? Ugira ngw ivyo yobikora? Mbeg’ amajambo yanje ntafitiye ikimazi ūgenda atunganye? 8#2 Ngo 28:8.Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi. 9Abagore bo mu bantu banje mubirukana mu mazu yabo bakunda; abana babo bato icubahiro nabahaye mwakibakūyeko gushitsa ibihe bidashira. 10#Lew 18:25; Gus 12:9; Heb 13:14.Ni muhaguruke, mugende; kukw aha atar’ uburuhukiro bganyu, kubg’ ibihumanya bizana gutikira kw’agahebuza. 11#Yer 5:13; Am 2:12.Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!
Imana isezerana kugarukana Abisirayeli
12 # 2 Abam 25:11; Yer 31:10; Mik 4:7. Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo. 13#2 Abam 25:10; Yes 52:12; Mik 4:6-7.Ūgenda arabacīra inzira yadūze imbere yabo: baramennye, baca mw irembo, barifyuka inyuma: umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra.

Attualmente Selezionati:

Mika 2: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi