Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 11

11
1 # Mat 7:28; 13:53; 19:1; 26:1. Yesu arangije gutuma abigishwa biwe cumi na babiri, avayo, aja kwigisha abantu no kuvuga ivy’ Imana mu bisagara vyabo.
Yohana Umubatizi atuma kuri Yesu
2 # Mat 14:3. Ariko Yohana ari mu nzu y’imbohe, yumva ivyo Kristo akora, atuma abigishwa biwe kumubaza,#Luk 7:18-35. 3#Mal 3:1; Dan 9:26.ati Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi? 4Yesu arabishura, ati Ni mugende mubarire Yohana ivyo mwumva n’ivyo mubona. 5#Yes 35:5, 6; 61:1.Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza. 6#Mat 13:57; 26:31.Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.
Yesu ashingira intahe Yohana Umubatizi
7 # Mat 3:1, 5. Abo bagiye, Yesu atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga? 8Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami. 9#Luk 1:76.Ariko mwajanywe n’iki? Mbega kwar’ ukurāba umuntu avugishwa n’Imana? Ego me ni co; kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane. 10Uyo ni we yanditswe,
ng’ Umve ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe,
Ikuroranirize inzira imbere yawe.#Mal 3:1; Mrk 1:2; Yoh 3:28.
11 # Mat 13:17. Ndababgire ukuri: Mu bāvyawe n’abagore ntihigeze kuboneka umuntu aruta Yohana Umubatizi. Arik’ umutoya mu bgami bgo mw ijuru aramuruta. 12#Luk 16:16; 13:24; Yoh 6:15.Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi. 13Kukw abavugishwa n’Imana bose bāvugishijwe, bo n’ivyagezwe, gushitsa igihe ca Yohana, 14#Mal 4:5; Mat 17:10-13.kandi ni mwaba mugomba kuvyemera, uwo ni we Eliya yavuzwe kw azoza. 15Ūri n’amatwi yumva, ni yumve.
16Arikw ab’uru runganwe ndabagereranye n’iki? Basa n’abana bicaye mu tuguriro, bahamagara bagenzi babo, 17#Imig 29:9.bati Twavugije imyironge ntimwahamiriza; twakomye induru, ntimwaboroga. 18#Mat 3:4.Kuko Yohana yaje, atarya, atanywa, bavuga bat’ Ahagazweko na dayimoni. 19#Mat 9:14, 15.Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.
Yesu abūrira Korazini na Betsayida
20 # Luk 10:12-15. Bun’ atangura guhambarira ibisagara yakoreyemw’ ibikomeye vyinshi, kuko batihannye. 21#Yon 3:6.At’ Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba barihannye kera, bakambara amagunira, bakīsīga iminyota. 22Ariko ndababgire: muri Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha mwebge. 23#Mat 4:13; 8:5; 9:1; Yes 14:13, 15.Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu. 24#Mat 10:15.Ariko ndababgira yukw igihugu c’i Sodomu kizogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha wewe.
Yesu ahamagara abananiwe n’abaremerewe
25 # 1 Kor 1:26-29. Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.#Luk 10:21, 22. 26Ego me, Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe. 27#Mat 28:18; Yoh 3:35; 17:2; Flp 2:9.Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira. 28#Mat 12:20; Yer 31:25.Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; 29#Yer 6:16.mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. 30#1 Yoh 5:3.Kukw ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.

Attualmente Selezionati:

Matayo 11: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi