Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 10

10
Yesu atuma abigishwa biwe cumi na babiri kwigisha
1 # Mrk 6:7-13; Luk 9:1-5. Ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye n’ubgo kuzisenda, no gukiza indwara zose n’ubumuga bgose. 2#Mrk 3:14-19; Luk 6:13-16; Yoh 1:40-49.Amazina y’izo ntumwa cumi na zibiri n’aya: Uwa mbere ni Simoni, yitwa Petero, na mwene nyina Andereya, na Yakobo mwene Zebedayo na mwene nyina Yohana, 3na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, 4na Simoni Umunyakananayo, na Yuda Isikaryota, umwe yamugura.
5Abo cumi na babiri Yesu arabatuma ababarira, ati Ntimuze mujane inzira ija mu banyamahanga, canke mu bisagara vy’Abasamariya. 6#Mat 15:24; Ivyak 13:46; Yer 50:6.Ariko muje mu ntama zazimiye zo mu muryango wa Isirayeli. 7#Mat 4:17; Luk 10:9.Uko mugenda kwose mwigishe, mut’ Ubgami bgo mw ijuru buri hafi. 8#Ivyak 20:33.Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi. 9Ntimutekere izahabu cank’ ifeza cank’ amahera mu mipfuko yanyu, 10#Luk 10:4; 1 Tim 5:18; Guh 18:31.cank’ isaho y’impamba, kandi ntimujane amapfundo abiri, cank’ inkweto cank’ inkoni, kuk’ umukozi akwiye impembo yiwe. 11Igisagara cose cank’ imihana muzoshikamwo, muhabaze ūbereye, mumurārire gushitsa aho muzovirayo. 12#Luk 10:5, 6.Mucinjira mu nzu muyiramutse; 13nya nzu ni yaba ibereye, amahoro yanyu azoyizako. Ni yaba itabereye, amahoro yanyu azobagarukako. 14#Luk 10:10-12; Ivyak 13:51; 18:6.Kand’ umuntu n’atabākīra, canke ngo yumve amajambo yanyu, mukiva mur’ ino nzu canke muri nya gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu. 15#Mat 11:24; Luk 20:47.Ndababgire ukuri, ku musi w’amateka igihugu c’i Sodomu n’i Gomora kizogira agahengekezo kurusha nya gisagara.
Amarushwa azoba ku ntumwa
16 # Luk 10:3; Yoh 10:12; Ivyak 20:29; Rom 16:19; Ef 5:15. Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe. 17#Mat 24:9.Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo.#Mrk 13:9-13; Luk 21:12-17. 18#Mat 24:14; Ivyak 25:23; 27:24.Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga. 19#Luk 12:11, 12.Ariko babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muyuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ ako kanya. 20#Yoh 14:26; 1 Kor 2:4.Kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari Mpwemu wa So avugira muri mwebge. 21#Mat 10:35; Mik 7:6.Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe. 22#Mat 24:9, 13; Yoh 15:21.Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira. 23#Mat 16:28.Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.
Yesu aremesha intumwa
24 # Luk 6:40; Yoh 13:16; 15:20. Umwigishwa ntaruta umwigisha; kandi n’umushumba ntaruta shebuja. 25#Mat 12:24.Umwigishwa biramubereye kumera nk’umwigisha wiwe, n’umushumba nka shebuja. Nyen’ urugo ko bamwise Beyezebuli, non’ abo mu rugo rwiwe ntibazorushiriza kubīta bartyo? 26#Mrk 4:22; Luk 8:17.Nuko ntimuze mubatinye, kukw ata catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana.#Luk 12:2-9. 27Ico mbabaririra mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru. 28#Yak 4:12.Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu. 29Mbeg’ utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi. 30Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. 31#Mat 12:12.Nuko ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi.
32Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw ijuru. 33#Luk 9:26.Arik’ umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw ijuru.
Kwikorera umusaraba
34 # Luk 12:51-53. Mwoye kwiyumvira ngo naje gutera amahoro mw isi: sinaje gutera amahoro, atar’ inkota. 35#Mik 7:6.Kuko naje guteranya umwana na se, n’umukobga na nyina, n’umukazana na inabukwe. 36Kand’ abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe. 37#Gus 33:9; Luk 14:26, 27.Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ ūkunze umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye. 38#Mat 16:24, 25.Kand’ ūtikoreye umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntaba ankwiye. 39#Luk 17:33; Yoh 12:25.Ūrokora ubugingo bgiwe azobubura; n’ūheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka.
40 # Mat 18:5; Luk 10:16; Yoh 12:44; 13:20. Ūbākiriye aba anyakiriye, kand’ ūnyakiriye aba yākiriye uwantumye. 41Uwākīra umuntu avugishwa n’Imana kukw avugishwa na yo azohabga impēra nk’iy’ ūvugishwa n’Imana; uwākīra umuntu agororotse kukw agororotse azohabga impēra nk’iy’ umugororotsi. 42#Mat 25:40; Mrk 9:41.Kand’ ūzoha umwe mur’ abo bato urwato rw’amazi apfutse gusa kukw ar’ umwigishwa, ndababgira ukuri yukw atazobura impēra yiwe.

Attualmente Selezionati:

Matayo 10: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi