Efeso 6
6
1Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye. 2“Wubahe so na nyoko.” Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano: 3“Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi.”#6:3 Gusubiramwo 5:16
4Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.
5Bashumba, mwumvire ba shobuja bo mw’isi, mububaha kandi mubatinya, bivuye ku mitima, nk’uko mwokwubaha Kristo. 6Mubumvire igihe cose, atari gusa iyo babahagarikiye. Ariko kuko muri abakozi ba Kristo, mugakora ivyo Imana igomba bivuye ku mitima. 7Mukorane imitima yanyu yose, nk’aho mwoba muriko mukorera Umwami wacu, mutariko mukorera abantu, 8kuko muzi neza ko Umwami azohembera umuntu wese ivyo yakoze, ari umugurano canke uwidegemvya.
9Namwe ba shebuja, mugirire abagurano banyu nk’uko nyene. Ntimubatere ubwoba, kuko muzi yuko Shebuja wabo ari we wanyu ari mw’ijuru, kandi ko atarobanura abantu ku butoni.
Ukwambara ibigwanisho vy’Imana
10Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi. 11Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi. 12Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru. 13Nuko rero mwambare ibigwanisho vyose vy’Imana, kugira ngo ku musi ikibi caje, muze mushobore guhagarara mudatsinzwe kandi mumaze gukora vyose, mukomeze guhagarara mushikamye. 14Nuko mushikame, mukenyeje umukanda w’ukuri, mwambaye icuma gikingira igikiriza ari kwo kugororoka, 15ku birenge vyanyu mwambare ibirato ari kwo kwitegurira kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’amahoro. 16Icongeye kuri ivyo vyose, mwitwaze inkinzo y’ukwizera, iyo mushobora kuzimisha imyampi yose yaka umuriro ya wa mubi. 17Mwambare n’inkofero y’agakiza, mwitwaze n’inkota ya Mpwemu, ari ryo jambo ry’Imana.
18Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose. 19Kandi nanje munsengere, kugira ngo igihe cose mvuze, mpabwe amajambo kugira ngo menyeshe abantu ibanga ry’Ubutumwa Bwiza ntatinya, 20ubwo mbereye umuserukizi mw’ibohero. Munsengere ngo ndabuvuge ntatinya, nk’uko bikwiye.
Intasho
21Tukiko, umuvukanyi nkunda kandi umukozi w’umwizigirwa mu Mwami, azobabwira vyose, kugira ngo namwe mumenye uko meze n’ivyo ndiko ndakora. 22Ni muri iyo ntumbero ndamubarungikiye, kugira ngo mumenye uko tumerewe yongere aremeshe imitima yanyu.
23Amahoro abe kuri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera biva ku Mana Data no ku Mwami Yesu Kristo.
24Ubuntu bube ku bakunda Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’urukundo rudahera.
Currently Selected:
Efeso 6: BKC
Highlight
Share
Copy
![None](/_next/image?url=https%3A%2F%2Fimageproxy.youversionapi.com%2F58%2Fhttps%3A%2F%2Fweb-assets.youversion.com%2Fapp-icons%2Fen.png&w=128&q=75)
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.