1
Efeso 6:12
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.
Compare
Explore Efeso 6:12
2
Efeso 6:18
Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.
Explore Efeso 6:18
3
Efeso 6:11
Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi.
Explore Efeso 6:11
4
Efeso 6:13
Nuko rero mwambare ibigwanisho vyose vy’Imana, kugira ngo ku musi ikibi caje, muze mushobore guhagarara mudatsinzwe kandi mumaze gukora vyose, mukomeze guhagarara mushikamye.
Explore Efeso 6:13
5
Efeso 6:16-17
Icongeye kuri ivyo vyose, mwitwaze inkinzo y’ukwizera, iyo mushobora kuzimisha imyampi yose yaka umuriro ya wa mubi. Mwambare n’inkofero y’agakiza, mwitwaze n’inkota ya Mpwemu, ari ryo jambo ry’Imana.
Explore Efeso 6:16-17
6
Efeso 6:14-15
Nuko mushikame, mukenyeje umukanda w’ukuri, mwambaye icuma gikingira igikiriza ari kwo kugororoka, ku birenge vyanyu mwambare ibirato ari kwo kwitegurira kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’amahoro.
Explore Efeso 6:14-15
7
Efeso 6:10
Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.
Explore Efeso 6:10
8
Efeso 6:2-3
“Wubahe so na nyoko.” Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano: “Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi.”
Explore Efeso 6:2-3
9
Efeso 6:1
Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye.
Explore Efeso 6:1
Home
Bible
Plans
Videos