YouVersion Logo
Search Icon

Efeso 5

5
1Nuko rero mwigane Imana, kuko muri abana bayo ikunda cane, 2kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.
3Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana. 4Ntihakagire ibiterasoni, amajambo y’ubupfu canke ibitwenza bibi bigira ikibanza muri mwebwe, ahubwo habe amashimwe. 5Kuko mukwiye kumenya neza ko: ata munyangeso mbi, uwanduye canke uwukunda inda; umuntu nk’uwo asenga ibigirwamana, azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana. 6Ntihagire uwubahendesha amajambo atagira ikimazi, kuko ibintu nk’ivyo bizana uburake bw’Imana ku batayumvira. 7Nuko rero ntimukifatanye na bo mu vyo bakora.
8Kuko kera mwari mwuzuye umwijima, ariko noneho ubu mufise umuco uva ku Mwami wacu. Nimubeho rero nk’abana b’umuco 9(kuko icamwa c’umuco ni ineza y’uburyo bwose, ukugororoka n’ukuri), 10kandi mumenye ibihimbara Umwami ivyo ari vyo. 11Ntimwifatanye n’ibikorwa vy’impfagusa bikorerwa mu mwijima, ahubwo mubishire ahabona. 12Biteye n’isoni kuvuga ivyo abatumvira Imana bakorera mu mpisho. 13Ariko igishizwe ahabona n’umuco cose gica kiboneka; kandi ikirasiwe n’umuco kiba mu muco. 14Ni co gituma bivugwa ngo:
“Ikangure, wewe usinziriye,
vyuka uve mu bapfuye,
maze Kristo arakumurikira.”
15Nuko mwirinde cane uko mubaho, ntimwigenze nk’imburabwenge, ahubwo mwigenze nk’abanyabwenge. 16Akaryo kose muronse mugakoreshe neza, kuko imisi ari mibi. 17Ntimube ibipfu, ariko mutahure ivyo Umwami abashakako ivyo ari vyo. 18Ntimukaborerwe umuvinyu, kuko bijana abantu mu buhumbu. Ahubwo, mwuzure Mpwemu Yera, 19mubwirane amazaburi n’indirimbo, zo guhimbaza ziva kuri Mpwemu. Muririmbe kandi mucurarangire Umwami bivuye mu mitima yanyu, 20mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
Inyigisho ku ngo z’Abakristo
21Umwe wese agamburukire mugenziwe abitewe no kwubaha Kristo.
22Bagore, mwumvire abagabo banyu nk’uko mwumvira Umwami Yesu. 23Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore nk’uko Kristo na we ari we mutwe w’ishengero ari ryo mubiri wiwe, na we akaba umukiza waryo. 24Nuko rero nk’uko ishengero ryubaha Kristo, ni ko n’abagore bakwiye kwubaha abagabo babo muri vyose.
25Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura 26ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana. 27Ivyo yabikoze kugira ngo aryiyegereze ari ishengero rikayangana, ritagira agatosi canke umunkanyari canke akandi gasembwa kose, ariko ryejejwe ritagira umugayo. 28Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda. 29Kandi murazi ko ata muntu yoshobora kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira akawitwararika, nk’uko Kristo abikora kw’ishengero, 30kuko turi ingingo z’umubiri wiwe. 31“Ku bw’ivyo, nk’uko Ivyanditswe bivuga, umugabo azosiga se na nyina abane n’umugore wiwe ubutakivana, maze bompi babe nk’umubiri umwe.”#5:31 Itanguriro 2:24 32Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero. 33Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.

Currently Selected:

Efeso 5: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in