Filipi Intangamarara
Intangamarara
Igihe Pawulo yandika iki kete, yari mw’ibohero (1:7). Bamwe bavuga ko hari muri Efeso, abandi na bo bakavuga ko hoba hari i Kayisariya, ariko abo kwizerwa cane ni abavuga ko hoba hari i Roma, aho yari apfungiwe icamaso nk’uko vyanditswe mu Vyakozwe n’Intumwa 28; aho yari yiteze kuzorekurwa “kugira ngo akomeze gufasha Abakristo bo mu gisagara c’i Filipi gukura no kwumva umunezero uva mu kwizera” (1:25)
Yandikiye Abanyamakedoniya ahanini batari Abayuda, bari bagize ishengero Pawulo yatanguje (Ivyakozwe 16:11-40) igihe yari mu rugendo rwiwe rw’ijanabutumwa. Ishengero ryagumanye ubucuti bukomeye n’uwaritanguje, ku buryo ryagumye rimurungikira ivyo kumufasha kenshi.
Iri kete yarirungitse igihe Epafurodite, yari yarungitswe n’ishengero amuzaniye imfashanyo, yari agiye gusubira i Filipi. Pawulo yamurungikanye ikete, ashimira ishengero imfashanyo ryamurungikiye, ababwira amakuru yiwe, yongera atera intege abo bari bafatanije igikorwa ngo bashikame mu gushinga intahe kwabo. Kubona yabahamagarira kugira ubumwe, vyerekana ko hari ingorane kanaka muri iryo shengero.
Uko yagenda aratanga inkuru ni ko yanabahimiriza ku bintu bimwebimwe:
Amakuru yiwe (1:12-26)
Abahimiririza kugira ubumwe no guca bugufi bigana Kristo (1:27–2:18)
Amakuru ya Timoteyo na Epafurodite (2:19-30)
Abagabisha ku bijanye n’ukwizera gufatiye ku bikorwa n’ingene bakwiye kwifata (3:1–4:9)
Gushima (4:10-20)
Iri kete riri mu makete yerekana urukundo kandi ryandikiwe abantu bazwi neza. Ijambo kunezerwa rigaruka kenshi cane nk’ikimenyetso c’intsinzi y’ukwizera ku bigeragezo.
Currently Selected:
Filipi Intangamarara: BKC
Highlight
Share
Copy
![None](/_next/image?url=https%3A%2F%2Fimageproxy.youversionapi.com%2F58%2Fhttps%3A%2F%2Fweb-assets.youversion.com%2Fapp-icons%2Fen.png&w=128&q=75)
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.