YouVersion Logo
Search Icon

Filipi 1

1
1Jewe Pawulo na Timoteyo abakozi ba Kristo Yesu,
Turabandikiye mwese abera bo muri Kristo Yesu muri i Filipi, hamwe n’abarongozi b’ishengero n’abadiyakoni bose:
2Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.
Amasengesho Pawulo asengera ab’i Filipi
3Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse. 4Kandi igihe cose nsenze, nama ndabasengera nuzuye umunezero 5kuko twafatanije gukwiza Ubutumwa Bwiza, uhereye igihe mwabwumva kugeza n’ubu. 6Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.
7Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga. 8Imana ni yo yomenya ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.
9Ico nsengera ni uko urukundo rwanyu rworushiriza kugwira, kandi mugakomeza kwunguka ubwenge n’ugutahura, 10kugira ngo mushobore kumenya neza iciza kurusha ibindi ico ari co, mutanduye kandi mutagira umugayo gushika aho Kristo azogarukira. 11Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.
Mu buryo bwose Kristo aravugwa
12Bene Data, ndashaka ko mumenya ko ivyanshikiye vyatumye Ubutumwa Bwiza butera buja imbere. 13Kuko umuntu wese hano, mbere n’abacunze ikirimba bose barimwo, barazi neza ko ndi mw’ibohero kubera Kristo. 14Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga Ijambo ry’Imana bashize ubwoba.
15Ni ivy’ukuri ko bamwe bavuga ivya Kristo babitewe n’ishari n’umutima w’impari, ariko hariho n’abavuga ivya Kristo bafise intumbero nziza. 16Abo babikora kubera kunkunda, kuko bazi ko mbohewe hano kubera kugwanira Ubutumwa Bwiza. 17Barya bandi bo bigisha Kristo ku bw’inyungu zabo, badasunitswe n’umutima utunganye, kuko kugomba kunteza imibabaro mu gihe ndi mw’ibohero. 18Ariko ntaco bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.
19Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’ubufasha bwa Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa. 20Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje. 21Kuko kuri jewe, ubuzima ni Kristo, gupfa na kwo ni inyungu. 22Mbandanije kubaho mu mubiri, vyotuma nama ivyamwa vyinshi ku bwa Kristo. Mu vy’ukuri, sinzi ico nohitamwo! 23Numva vyose binkwega: gupfa nkigira kubana na Kristo, ni vyo birushirije kuba vyiza kuri jewe, 24ariko ku bwanyu, iciza ni uko nobandanya kubaho mu mubiri. 25Kandi kubera ivyo ndazi ntakekeranya ko nzokomeza kubaho, kugira ngo nkomeze kubafasha gukura no kwumva umunezero uva mu kwizera. 26Ivyo bizotuma ninagaruka iwanyu, muzorushiriza kunezerwa muri Kristo Yesu kubera ibikorwa vyiza ariko arakorera muri mwebwe.
Ubuzima bujanye n’Ubutumwa Bwiza
27Muri vyose, mugire ingeso zijanye n’Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kugira ngo, nshoboye kuza tukongera tukabonana canke bidashobotse, nzokwumve ko mushikamye kandi muri umwe mu Mpwemu, mufise umutima umwe, mugwanira ukwizera kuva ku Butumwa Bwiza. 28Ntimuterwe ubwoba n’ababagwanya. Ico ni co kizobabera ikimenyetso ko bagiye kurandurwa, ariko ko mwebwe mugiye kuronka agakiza, na ko kakaba kava ku Mana yonyene. 29Kuko mutagiriwe ubuntu bwo kwizera Kristo gusa, ahubwo mwahawe n’ubwo gushobora kubabazwa ku bwiwe. 30Turi kumwe muri iyo ntambara. Mwarabonye ingene nayigwanye muri kahise, kandi murazi ko n’ubu nkiri muri yo.

Currently Selected:

Filipi 1: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in