1
Filipi 1:6
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.
Compare
Explore Filipi 1:6
2
Filipi 1:9-10
Ico nsengera ni uko urukundo rwanyu rworushiriza kugwira, kandi mugakomeza kwunguka ubwenge n’ugutahura, kugira ngo mushobore kumenya neza iciza kurusha ibindi ico ari co, mutanduye kandi mutagira umugayo gushika aho Kristo azogarukira.
Explore Filipi 1:9-10
3
Filipi 1:21
Kuko kuri jewe, ubuzima ni Kristo, gupfa na kwo ni inyungu.
Explore Filipi 1:21
4
Filipi 1:3
Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse.
Explore Filipi 1:3
5
Filipi 1:27
Muri vyose, mugire ingeso zijanye n’Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kugira ngo, nshoboye kuza tukongera tukabonana canke bidashobotse, nzokwumve ko mushikamye kandi muri umwe mu Mpwemu, mufise umutima umwe, mugwanira ukwizera kuva ku Butumwa Bwiza.
Explore Filipi 1:27
6
Filipi 1:20
Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.
Explore Filipi 1:20
7
Filipi 1:29
Kuko mutagiriwe ubuntu bwo kwizera Kristo gusa, ahubwo mwahawe n’ubwo gushobora kubabazwa ku bwiwe.
Explore Filipi 1:29
Home
Bible
Plans
Videos