YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 7

7
Ahazi atewe n’abandi bami Yesaya aja kumuremesha
1 # 2 Abam 15:37; 16:5. Ku ngoma ya Ahazi mwene Yotamu, Yotamu wa Uziya, umwami w’i Buyuda, Rezini umwami w’i Siriya na Peka mwene Remaliya umwami w’Abisirayeli badūga i Yerusalemu kuhatera, maze harabananira. 2#Yes 8:12.Babūrira umuryango wa Dawidi, bat’ Abasiriya bifatanije n’Abefurayimu. Maz’ umutima wa Ahazi urahungabana, bo n’imitima y’ abantu biwe, nk’ukw ibiti vyo mu kibira bihungabanywa n’umuyaga.
3 # 2 Abam 18:17; Yes 36:2. Maz’ Uhoraho abarira Yesaya, ati Sohoka non’ ubu, uje gusanganira Ahazi, wewe na Sheyari‐yashubu#7:3 Sheyari‐yashubu risobanurwa ngw Amasigarira azogaruka. umwana wawe, murahūrira ah’ umugende wo ku kidengeri co haruguru ugarukira, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi; 4maz’ umubarire, uti Witonde, ureme; woye gutinya, kandi nturandurwe umutima n’ivyo bishirīra bibiri bifumba, bo n’uburake bg’inkazi bga Rezini n’Abasiriya n’ubga mwene Remaliya. 5Abasiriya n’Abefurayimu na mwene Remaliya ko baguhigiye imihigo, bakavuga, 6bati Ni muze tudūge dutere i Buyuda, tubakūre imitima, tuhace icuho, twiyimikire umwami hagati muri co, mwene Tabeli: 7#Yes 8:10.ut’ Ico ni co gitumye Uhoraho Imana agize, ngw Iyo migabo ntizohama kandi ntizoshika. 8Kukw iremezo ry’i Siriya ari Damasiko, kand’ iremezo ry’i Damasiko ari Rezini; kand’ imyaka mirongwitandatu n’itanu itarashira Abefurayimu bazovungwavungwa, ntibabe bakiba ihanga; 9#2 Ngo 20:20.kand’ iremezo ry’Abefurayimu ni Samariya, kand’ iremezo ry’i Samariya ni mwene Remaliya. Ariko ni mwanka kwizera, n’ukuri ntimuzoshikama.
Ahazi yanka kuvyemera, Yesaya amubūrira ibizoba
10Uhoraho yongera kubarira Ahazi, 11ati Nyaka ikimenyamenya, jewe Uhoraho Imana yawe, ar’ ic’ i kuzimu cank’ ar’ ico hejuru mw ijuru. 12Ariko Ahazi arishura, ati Sinocaka, kandi sinogerageza Uhoraho. 13Yesaya aramwishura, ati Ni mwumve none rero, wa muryango wa Dawidi; ko kibaye icoroshe kuri mwebge kugora abantu, none mugomba kugora n’Imana yanje na yo? 14#Yes 9:6; Mat 1:23; Luk 1:31, 34, 35.Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli. 15Urubu n’ubūki ni vyo bizomutunga, amaze kumenya ubgenge bgo kwanka ibibi agakunda ivyiza. 16#Yes 6:12; 8:4.Kuk’ uwo mwana ataramenya ubgenge bgo kwanka ibibi no gukunda ivyiza, igihugu c’abo bami bompi wagiriye ubgoba kizocika amatongo. 17#1 Abam 12:16; 2 Ngo 28:20; Neh 9:32; Yes 8:7, 8.Uhoraho azogutēza imisi mibi, wewe n’abantu bawe n’inzu ya so, imisi itigeze kubaho, uhereye umusi Abefurayimu bātandukanye n’Abayuda: ni kwo guterwa n’ umwami w’i Ashuri.
18Kur’ uwo musi Uhoraho azohamagaza uruhwa isāzi ziri ku mpera z’inzūzi zo muri Egiputa, n’inzuki zo mu gihugu c’i Ashuri. 19Bizoza, vyose bizokwarara mu biyaya bisigaye ar’ imisaka, no mu masenga yo mu bitandara, no ku mahwa yose, no ku bgatsi hose.
20 # 2 Abam 18:13-16; Yes 8:7. Kur’ uwo musi Uhoraho azomwa ku mutwe n’ubgoya bgo ku mubiri, abimweshe urupfuhe rutiwe ku mahera, ruba hakurya y’uruzi, ni rwo mwami w’i Ashuri, mbere ruzonatōtōra n’ubganwa.
21Kandi kur’ uwo musi umuntu azoragira agaka k’iriza n’intama zibiri; 22maze kukw amata bikamwa azoba ari menshi, azosamwa n’ urubu: kuk’ urubu n’ubūki bizoba ari vyo bisama umuntu wese azoba asigaye hagati mu gihugu.
23 # Yes 5:6. Kandi kur’ uwo musi ahantu hose hāba imizabibu igihumbi yagurwa amahera yitwa shekeli igihumbi, hazoba ah’ imikere n’amahwa. 24Hazoshikay’ abitwaje umuheto n’imyampi, kukw igihugu cose kizoba ar’ imikere n’amahwa. 25#Yes 32:13, 14.Kandi n’imisozi yose yahora irimishwa isuka, ntuzohēgēra kubgo gutinya imikere n’amahwa, ariko hazoba aho kurishwa umwagambo n’inka, no guhonyangwa n’intama.

Currently Selected:

Yesaya 7: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in