YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 6

6
Ihamagarwa rya Yesaya
1 # 1 Abam 22:19; 2 Ngo 26:23; Yoh 12:41. Mu mwaka Umwami Uziya yatanzemwo, nabonye Umwami Imana avyagiye ku ntebe y’ubgami ndende, ashizwe hejuru, impuzu yiwe y’igisāga yuzuye urusengero. 2Abaserafi#6:2 Abaserafi n’umuce umwe mu bamarayika. bari bahagaze hejuru yiwe: umuserafi wese yar’ afise amababa atandatu: abiri yayatwikiriza mu maso, yandi abiri yayatwikiriza ibirenge, yandi abiri yarayagurukisha. 3#Guh 14:21.Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe. 4#1 Abam 8:10, 11.Amatanguriro y’imiryango anyiganyizwa n’ugusemerera kwabo, inzu yuzura umwotsi. 5#Luk 5:8.Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo. 6Maz’ umwe mu baserafi araguruka, aza aho ndi, afise ikara ryaka mu ntoke, yokoje ikimano ku gicaniro; 7arinkoza ku munwa, arambarira, at’ Ehe, iri rikoze ku minwa yawe; ukugabitanya kwawe ugukūweko, icaha cawe kirahongewe. 8#Ita 1:26.Numva ijwi ry’Umwami Imana rivuga, riti Ndatuma nde, ni nde yotugīra? Maze ndavuga, nti Ndi hano, ba ari jewe utuma. 9#Mat 13:14, 15; Mrk 4:12; Luk 8:10; Ivyak 28:26, 27.Arambarira, ati Genda, ubarire ubgo bgoko, uti Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimubitahure; kurāba muzokwama murāba, ariko ntimuvyihweze. 10#Yoh 12:40.Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarābīshe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire. 11#Yes 1:7.Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa, 12jewe Uhoraho mpejeje gucuranguriza abantu kure, kand’ amatongo akaba menshi mur’ iki gihugu. 13#Gus 7:6; Yob 14:7.Kandi naho cosigarwamwo n’ikigiracumi co muri bo, na bo bazokwongera batikizwe: nk’ukw ibiti vy’umwela n’umweloni bisigarana igishitsi, bimaze gucibga, ni k’uruvyaro rwera ar’ igishitsi cabo.

Currently Selected:

Yesaya 6: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in