Ivyakozwe N’intumwa 14
14
Abo muri Ikoniyo birukana intumwa
1Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera. 2#Ivyak 13:45.Arikw Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data. 3#Ivyak 19:11; Mrk 16:20; Heb 2:4.Bamara imisi myinshi bavuga batabobotereza kubg’ Umwami Yesu, ashingira intahe ijambo ry’ubuntu bgiwe, abaha gukora ibimenyetso n’ibitangaza n’amaboko yabo. 4Arikw abantu bo mur’ ico gisagara bīrema ibice, bamwe baherēra ku Bayuda, abandi ku ntumwa. 5#Ivyak 14:19; 2 Tim 3:11.Kand’ abanyamahanga, bo n’Abayuda n’abashingantahe babo baja kubatera ngo babagirire nabi babicishe amabuye; 6#Mat 10:23.barabimenya, bahungira i Lusitira n’i Derube, ibisagara vy’i Lukawoniya, no mu gihugu gihereranye na ho: 7#Ivyak 11:19, 20.bagumayo bavuga ubutumwa bgiza.
Paulo akiriza ikirema i Lusitira
8 #
Ivyak 3:2; 9:33; Yoh 9:1. I Lusitira hār’ umugabo yar’ aremaye ibirenge uhereye aho yakaviriye mu nda ya nyina, nta ho yari yarigeze gutambuka. 9#Ivyak 3:4; Mat 9:28.Uwo yumva Paulo avuga, na we amuhanze amaso abona kw afise ukwizera kwo gukizwa. 10Avuga n’ijwi rirenga, ati Hagarara n’ibirenge vyawe, weme. Arabaduka, aratambuka. 11#Ivyak 28:6.Maz’ ishengero ribonye ico Paulo akoze, bavuga n’ijwi rirenga mu Kinyalukawoniya, bat’ Imana zitumanukiyemwo zīshushanije n’abantu. 12Barunaba bamwita Zeyu, Paulo na we bamwita Herume, kukw ari we yar’ imvuzi. 13Maz’ umuherezi wa Zeyu, ingoro y’igitabo cayo yar’ imbere y’igisagara, azana amapfizi n’imyīshwa, agira acumite ikimazi, we n’ishengero. 14Arikw intumwa, Barunaba na Paulo, bavyumvise, bītantamurirakw impuzu zabo, bītera mu bantu, basemerera, 15#Kuv 20:11; Zab 146:6; Yes 37:16; Yer 32:17; Yak 5:17.bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, 16#Ivyak 17:30.ni yo yaretse amahanga yose mu bihe vyahise ngo bagendere mu nzira zabo. 17#Zab 147:8; Yer 5:24.Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero. 18Aho bāvuga ayo majambo, hāri hasigaye gatoya ntibabe bakibuza ishengero kubacumitira ikimazi.
Paulo aterwa amabuye
19 #
2 Kor 11:25; 2 Tim 3:11. Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera Paulo amabuye, bamukwegera inyuma y’igisagara, bagira ngo yāpfuye. 20Arikw abigishwa bahagaze bamukikije, aravyuka, aja mu gisagara; bukeye bg’aho avanayo na Barunaba, aja i Derube. 21#Mat 28:19.Bamaze kuvuga ubutumwa bgiza mur’ ico gisagara no guhindura benshi abigishwa, basubira i Lusitira no muri Ikoniyo no muri Antiyokiya, 22#Ivyak 11:23; 1 Tes 3:3; Mat 7:14.baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana. 23#Ivyak 13:3.Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu, uwo bizeye.
24Baca i Pisidiya, bashika i Pamfiliya. 25Bamaze kuvuga ijambo ry’Imana i Peruga baramanuka baja muri Ataliya; 26#Ivyak 13:1, 2.bavudukayo bari mu bgato bafata muri Antiyokiya, aho bāri barazigamishirijwe ubuntu bg’Imana ubga mbere ku gikorwa baheraheje. 27#1 Kor 16:9; Ivyak 11:18.Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera. 28Bamarana n’abigishwa igihe kitari gito.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 14: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967