YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 15

15
Ibihāri bivuye mu vyo gukebga
1 # Gal 5:2. Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha bene Data, bati Ni mutākebga, nk’uk’ umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa. 2#Ivyak 11:30; Gal 2:1.Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano. 3Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi. 4#Ivyak 14:27.Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose. 5Maze hava hasi bamwe bo mu muce w’Abafarisayo bizeye, baravuga, bat’ Abanyamahanga birakwiye ko bakebga, no kubabgiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.
Inama yabaye i Yerusalemu
6Nukw intumwa n’abakuru bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo. 7Habaye imibūrano myinshi, Petero ava hasi, arababgira,
ati Bagabo bene Data, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebge kugira ngo mu kanwa kanje abe ari ho abanyamahanga bumva ijambo ry’ubutumwa bgiza, bizere.#Ivyak 10:44; 11:15. 8Kand’ Imana izi imitima, yarabashingiye intahe, hamwe yabaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye natwe; 9#Ivyak 10:34.ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera. 10#Gal 3:10; 5:1; Mat 11:30.None rero n’iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batāshoboye kwikorera canke twebge? 11#Gal 2:16; Ef 2:4-10.Ariko twizeye yuko tuzokizwa n’ubuntu bg’Umwami Yesu nka bo.
12Maz’ ishengero ryose riracereza, bumviriza Barunaba na Paulo babīgānira ibimenyetso n’ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga. 13#Ivyak 21:18; Gal 2:9.Barangije kuvuga, Yakobo aravuga, ati Bagabo bene Data, ni munyumvirize. 14#Ivyak 15:7-9; Luk 1:68.Simoni yabīgāniye ingen’ Imana yatanguye kugendera abanyamahanga ngw ibarobanuremw’ ubgoko bg’izina ryayo. 15#Am 9:11, 12.Amajambo y’abavugishwa na yo ahūye n’ivyo, nk’uko handitswe,
16 # Yer 12:15. ngo Hanyuma y’ivyo nzogaruka,
Nongere nubake urusago rwa Dawidi rwatemvye,
Nongere nsanasane ahāshize harwo, ndaruhagarike,
17Kugira ngw amasigarira y’abantu baronderane Uhoraho
N’amahanga yose yitirirwa izina ryanje,
18 # Yes 45:21. Ni k’Uhoraho agize, akora ivyo vyose, yabimenye uhereye ku kuremwa kw’isi.
19Nuko rer’ inama yanje n’uko tureka kugora abo mu banyamahanga bahindukirira Imana, 20#Ita 9:4; Lew 3:17; 5:2; 17:10-16.ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso. 21#Ivyak 13:15.Kuk’ uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu masinagogi ukw isabato itashe.
Icete ishengero ryandikiye abanyamahanga
22Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba: 23bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya. 24#Ivyak 15:1.Kuko twumvise yuko bamwe bāvuye muri twebge bābahagarikishije imitima amajambo, bakayisangangura, kandi tutābibageze; 25duhūje inama dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebge n’abo dukunda Barunaba na Paulo, 26abantu bāhevye amagara yabo kubg’ izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo. 27Nukw abo dutumye ni Yuda na Sila, na bo ubgabo bazobabarira mu rurimi bimwe n’ibi. 28#Mat 23:4.Kuko Mpwemu Yera bimubereye vyiza, natwe n’uko, kutabīkoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye: 29mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.
Bashikana icete muri Antiyokiya
30Nukw abo basezewe bamanuka muri Antiyokiya; bamaze gukoraniriza hamwe ishengero, babashikiriza kino cete. 31Bamaze kugisoma banezererwa iyo mpanūro. 32#Ivyak 11:27; 13:1.Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha. 33Bahamaze imisi, bene Data babasezera amahoro, ngo basubire ku bābatumye. [34Mugabo Sila bimubera vyiza kugumayo.] 35Kandi Paulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababgira ijambo ry’Umwami Yesu, bafatanije n’abandi benshi.
Urugendo rwa kabiri rwa Paulo aja kuvuga ubutumwa
36 # 1 Tes 3:5. Hashize imisi, Paulo abgira Barunaba, at’ Ingo dusubire ha handi tugendere bene Data mu gisagara cose aho twāvuze ijambo ry’Umwami Yesu, tumenye uko bameze. 37#Ivyak 12:12, 25.Barunaba agomba ko bajana na Yohana na we, ari we Mariko. 38#Ivyak 13:13; Kol 4:10.Ariko Paulo ntivyamubera vyiza kujana uwabataye i Pamfiliya, ntajane na bo mur’ ico gikorwa. 39#Ivyak 4:36; 13:4.Havyuka imitongano ibatera gutandukana, Barunaba ajana Mariko, avudukayo ari mu bgato, afata i Kupuro; 40Paulo na we atoranya Sila, avayo, bene Data bamaze kumuragiza ubuntu bg’Umwami Yesu. 41Aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in