Ivyakozwe N’intumwa 13
13
Urugendo rwa mbere rwa Paulo aja kuvuga ubutumwa
1 #
Ivyak 11:27. Kandi muri Antiyokiya, mw ishengero ryaho, hār’ abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hāriho na Sauli. 2#Ivyak 9:15.Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga, ati Ni mundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye. 3#Ivyak 6:6; 14:23; 1 Tim 4:14; 5:22.Nuko bisonzesheje, basenze, babarambitsekw ibiganza, barabarungika.
Ivya Eluma umunyamarēba
4 #
Ivyak 15:39. Nuko bavuyeyo batumwe na Mpwemu Yera bamanuka i Seleyukiya. Bavudukayo bari mu bgato bafata i Kupuro. 5#Ivyak 12:12, 25; 13:13.Maze bashitse i Salamini, bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda: kandi bāri bafise Yohana agenda arabakorera. 6Bararamiriza baca mur’ ico kizinga cose, bashika i Pafo, basangay’ umugabo w’umunyamarēba, umuraguzi w’ibinyoma, yar’ Umuyuda, izina ryiwe ni Bari‐Yesu; 7yagendanira Serugiyo Paulo, icēgēra ca Kayisari, umuntu w’ubgenge. Uyo ahamagaza Barunaba na Sauli, ashaka kwumva ijambo ry’Imana. 8#2 Tim 3:8.Ariko Eluma, uwo munyamarēba (izina ryiwe ni ko risobanurwa), arabahāririza, ashaka guhuvya ico cēgēra ngo nticizere. 9Ariko Sauli ari we Paulo, yuzuye Mpwemu Yera, amuhanga amaso, 10#Hos 14:9.ati Wewe wuzuye ubugunge bgose n’ububi bgose, wa mwana w’Umurwanizi we, wa mwansi w’ivyo kugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z’Umwami Imana zigororotse? 11#Ivyak 9:8; Yoh 9:39.Nuko rāba, ukuboko kw’Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n’umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko. 12Ico cēgēra kibonye ibibaye kirizera, gitangajwe n’ivyo cigishijwe vy’Umwami Yesu.
Paulo yigisha muri Antiyokiya h’i Pisidiya
13 #
Ivyak 12:12, 25; 15:38. Maze Paulo n’abāri kumwe na we bavuduka i Pafo bari mu bgato, bafata i Peruga h’i Pamfiliya: Yohana abasigayo, asubira i Yerusalemu. 14Ariko bo bavuduka i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h’i Pisidiya; ku musi w’isabato binjira mw isinagogi, baricara. 15#Ivyak 15:21.Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge. 16Paulo ava hasi, arabamama, arababarira,
ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve. 17#Yes 1:2; Kuv 6:1, 6; 12:37, 41; 14:8.Imana y’ubu bgoko bg’Abisirayeli yatoranije ba sogokuruza, kand’ ishira abantu hejuru hamwe bār’ abambukīra mu gihugu ca Egiputa, ikabakūzay’ ukuboko gukomeye. 18#Kuv 16:35; Guh 14:34; Gus 1:31.Yihanganira ingeso zabo nk’imyaka mirongwine mu bugaragwa. 19#Gus 7:1; Yos 14:2.Imaze guhonnya amahanga ndwi mu gihugu c’i Kanani, ibēgurira ico gihugu cabo kuba ishamvu yabo. Maze nk’imyaka amajana ane na mirongwitanu ishize, 20#Abac 2:16; 1 Sam 3:20.ibaha abacamanza, gushitsa ku wavugishwa n’Imana Samweli. 21#1 Sam 8:5; 10:21, 24.Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku ngoma imyaka mirongwine. 22#Zab 89:20; Yes 44:28; 1 Sam 13:14; 16:12, 13.Imukūye, ibahagurukiriza Dawidi kuba umwami wabo, imushingira intahe, iti Mbonye Dawidi mwene Isayi umuntu ameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose. 23#2 Sam 7:12; Yes 11:1.Mu ruvyaro rw’uwo, nk’ukw Imana yasezeranye, yazaniye Abisirayeli Umukiza, ni we Yesu. 24#Luk 3:3.Ataraza, Yohana yari yigishije ubgoko bgose bg’Abisirayeli ukubatizwa kwo kwihana. 25#Yoh 1:20, 27; Luk 3:16; Mrk 1:7.Ariko Yohana arikw arasozera urugendo rwiwe, arababaza, ati Mbega mwiyumvira ko ndi nde? Jewe sindi we. Mugabo har’ ūzoza mu nyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye no gupfundurura inkweto zo mu birenge vyiwe.
26 #
Zab 107:20; Ivyak 13:46. Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko. 27#Ivyak 3:17; Yoh 16:3.Kukw ababa i Yerusalemu n’abakuru babo batāmumenye, cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana asomwa ukw isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bāvugishijwe, hamwe bāmutsindisha: 28#Mat 27:22, 23.kandi naho bābuze inyanduruko yo kumwicisha, basaba Pilato kw amwica. 29#Mat 27:59, 60.Bamaze gushitsa ivyo yandikiwe vyose, bamumanura ku giti, bamushira mu mva. 30#Ivyak 3:15.Arikw Imana iramuzura mu bapfuye. 31#Ivyak 1:3.Imisi myinshi abonekera abāri baradūganye na we ava i Galilaya aja i Yerusalemu, abo ni bo bamushingira intahe ubu imbere y’abantu. 32#Ivyak 13:23.Natwe turababgira ubutumwa bgiza bg’ivyasezeraniwe ba sogokuruza, 33#Zab 2:7; Heb 1:5; 5:5.yukw Imana yabishikije kuri twebge abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ng’ Ur’ Ubura bganje, uyu musi ndakuvyaye. 34#Yes 55:3.Kandi kuko yamuzuye mu bapfuye atazosubira mw iborero, yavuze irtya, iti Nzobaha imigisha yera ya Dawidi itazovaho. 35#Ivyak 2:27; Zab 16:10.No muri Zaburi yindi yavuze, ngo Ntuzotanga Uwera wawe ngw az’ abore. 36#1 Abam 2:10; Abac 2:10; Ivyak 2:29.Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora. 37Arik’ uwo Imana yazuye nta ho yigeze abora. 38#Ivyak 10:43; Guh 15:30; Heb 9:9; 13:20.Nuko bagabo bene Data, ni mumenye ko mur’ uwo ari ho mubgirirwa ivy’ uguharirwa ivyaha: 39#Rom 10:4.kandi ni we atsindanishiriza ūmwizera wese kuri vyose, ivyo mutāshoboye gutsindanishirizwa n’ivyagezwe vya Mose. 40#Hab 1:5.Nuko mwiyubare, ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyoye kubashikako,
41ngo Rāba mwa banyagakēngērwe, mutangare, muyongayonge,
Kuko ngira nkore igikorwa mu gihe canyu,
Igikorwa mutazoruha mwemera, nah’ umuntu yokibasobanurira.
42Bariko barasohoka, barabinginga ngw ayo majambo az’ avugwe no kw isabato izoza. 43#Ivyak 11:23.Abāri mw isinagogi bamaze gusābagira, benshi mu Bayuda bo n’abātoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; na bo bayāga na bo, barabahanūra ngo bashishikare kuguma mu buntu bg’Imana.
Abayuda banse agakiza, Paulo ahindukirira abanyamahanga
44Kw isabato ikurikira iyo, hakorana nk’abo mu gisagara bose kwumva ijambo ry’Imana. 45#Ivyak 13:50; 14:2.Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora. 46#Ivyak 3:26; 18:6; Mat 10:6; Luk 7:30.Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga. 47Kuk’ Umwami Imana ari ko yatubariye,
ati Ndagushizeho ng’ ube umuco w’amahanga,
Kugira ngo n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza.#Yes 49:6.
48 #
Ivyak 11:18; Rom 8:29. Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera. 49Ijambo ry’Umwami Yesu rikwira mur’ ico gihugu cose. 50Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo. 51#Ivyak 18:6; Mat 10:14.Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo. 52Abigishwa buzuzwa umunezero na Mpwemu Yera.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 13: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967