Matayo 9

9
Yesu akiza ikimuga ahejeje kugiharira ivyaha vyaco
1Aja mu bgato, arajabuka, ashika mu gisagara c’i wabo.#Luk 5:17–26#Mat 4:13 2Bamuzanira ikimuga bagiteruye mu nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Hūmura mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe. 3Bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe baribgira, bat’ Uyo ararogose.#Mrk 2:7 4Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?#Mat 12:25; Yoh 2:25 5Non’ icoroshe n’ikihe, n’ukuvuga nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ ukuvuga nti Vyuka, ugende? 6Ariko kugira ngo mumenye k’ Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — bun’ abgira ikimuga, ati Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe. 7Aravyuka arataha. 8Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ ubgo.
Yesu ahamagara Matayo
9Yesu ahavuye, abona umuntu yitwa Matayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro. Aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.#Mrk 2:13–17; Luk 5:27–32
10Kandi Yesu acicaye mu nzu arikw ararya, haza benshi mu batozakori n’abanyavyaha, basangira na Yesu n’abigishwa biwe. 11Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe, bati N’iki gitumye umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abanyavyaha?#Luk 15:2 12Avyumvise, aravuga, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye. 13Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.#Hos 6:6; 1 Sam 15:22; Mat 18:11
Kwisonzesha
14Kuri we haza abigishwa ba Yohana, bati N’iki gituma twebge n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, abigishwa bawe ntibisonzeshe?#Mrk 2:18–22; Luk 5:33–38#Luk 18:12 15Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’ umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.#Yoh 3:29 16Nta wokwomeka ikiremo c’igitambara gisha ku mpuzu y’umushire, kukw ico kiremo gica impuzu, intoboro ikarushiriza kuba nini.#Yoh 1:17 17Nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse: imikuza yoturika, vino igashirira hasi, imikuza igapfa. Arik’ umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha, vyompi bikarama.
Yesu akiza umugore arwaye ubutinyanka; azura umwana w’umukobga
18Akibabgira ivyo, haza umukuru w’isinagogi aramupfukamira, at’ Umwana wanje w’umukobga aradēndūtse, n’uze se, umurambikekw ikiganza, asubire abe muzima.#Mrk 5:22–43; Luk 8:41–56 19Yesu ava hasi, aramukurikira, bo n’abigishwa biwe. 20Bun’ umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, amuturuka inyuma, akora ku buyonga bg’impuzu yiwe; 21yari yiyumviriye mu mutima, ati N’iyo nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.#Mat 14:36 22Buno Yesu arakebuka aramubona, aramubgira, ati Hūmura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Nya mugore akira uwo mwanya. 23Yesu ashikiriye inzu y’uwo mukuru, abona abavuza imyironge n’abantu benshi bakoma induru, 24arababgira, ati Ni muhave, kuk’ umukobga atāhwereye, arikw arasinziriye. Baramutwenga bamushinyagurira.#Yoh 11:11, 14, 25 25Abantu bamaze guhindirwa hanze, arinjira, amufata ukuboko, umukobga aravyuka. 26Iyo nkuru ikwira mur’ ico gihugu cose.
Yesu akiza impumyi zibiri n’ikiragi gitewe na dayimoni
27Yesu avayo, akirikw aragenda impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti Tugirire imbabazi, mwana wa Dawidi. 28Ashitse mu nzu, za mpumyi ziza kuri we. Maze Yesu arazibaza, ati Murizeye ko nshobora kubikora? Na zo zit’ Ego me, Mushingantahe. 29Aca akora ku maso yabo, ati Bibabere nk’uko mwizeye.#Mat 8:13 30Amaso yabo arahumūka. Yesu arabihanikiriza, ati Murumva, ntihagire umuntu abimenya.#Mat 8:4 31Ariko basohotse bamukwiza mur’ ico gihugu cose.
32Bano bagisohoka, bamuzanira ikiragi cinjiwemwo na dayimoni. 33Dayimoni amaze gusendwa ico kiragi kiravuga. Kand’ ishengero riratangara, riti Mu Bisirayeli ntiharibgaboneke ibimeze birtyo. 34Arikw Abafarisayo baravuga, bat’ Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza gusenda abadayimoni.#Mat 12:24
Yesu aterwa akagongwe n’ishengero
35Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu masinagogi yabo, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara zose n’ubumuga bgose.#Mat 4:23 36Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.#Mat 14:14; Mrk 6:34; Guh 27:17; Ezk 34:5 37Maz’ abgira abigishwa biwe, at’ Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake.#Luk 10:2 38Nuko ni mwinginge Nyen’ ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.

目前选定:

Matayo 9: RUN1967

高亮显示

分享

复制

None

想要在所有设备上保存你的高亮显示吗? 注册或登录