Ivyakozwe 15
15
Inama nkuru y’intumwa yabereye i Yerusalemu
1Hari abantu bavuye i Yudaya baja muri Antiyokiya, bigisha abizera bati: “Mudakebwe nk’uko imigenzo twigishijwe na Mose ibitegeka, ntimushobora gukizwa.” 2Maze Pawulo na Barunaba binjira mu bihari bikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera b’iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero. 3Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose. 4I Yerusalemu bakiriwe n’ishengero hamwe n’intumwa ziri kumwe n’abakuru b’ishengero, na bo babiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose.
5Ariko bamwe mu bizera bahora ku ruhande rw’Abafarisayo barahaguruka, bavuga bati: “Abanyamahanga bategerezwa gukebwa no gukurikiza ivyagezwe vya Mose.”
6Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero barakorana bigira hamwe ico kibazo. 7Inyuma y’ibihari vyinshi, Petero ava hasi, arababwira ati: “Bene Bata, murazi ko mu minsi iheze Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mbwire Abanyamahanga Ubutumwa Bwiza maze na bo bumve, hanyuma bizere. 8Imana, yoyo izi imitima y’abantu, yerekanye ko ibemeye mu kubaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye. 9Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye. 10None rero, ni kubera iki mugomba kugerageza Imana mu kuremeka abigishwa imitwaro twebwe ndetse na ba sogokuruza tutashoboye kwikorera? 11Ahubwo twizera ko twese dukizwa n’ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo.”
12Ishengero ryose rica riracereza, bumviriza Pawulo na Baranaba, na bo bababwira ivy’ibitangaza n’utwumiza Imana yabakoresheje mu Banyamahanga. 13Baheje kuvuga, Yakobo aca afata ijambo, aravuga ati: “Bene Data, nimuntege amatwi. 14Simoni Petero yadusiguriye ingene kuva mu ntango Imana yitayeho Abanyamahanga kugira ngo ibitoranirizemwo abazokwitirirwa izina ryayo. 15Amajambo y’abavugishwa n’Imana aremeranya n’ivyo, kuko handitswe ngo:
16‘Inyuma y’ivyo nzogaruka,
nsubire nubake inzu ya Dawidi yasambutse.
Nzosubira nubake imisaka yaho
ndayisanure,
17kugira ngo abandi bantu bose baze barondere Uhoraho,
barimwo n’Abanyamahanga bitirirwa izina ryanje,
ni ko Uhoraho abikora avuze,’#15:17 Amosi 9:11,12
18uwabimenyekanishije uhereye kera cane.
19Ni co gituma mbona tudakwiye kuremera Abanyamahanga bariko bahindukirira Imana. 20Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso. 21Kuko ivyagezwe vya Mose vyama vyigishwa kuva kera mu masinagogi no mu bisigara, bigasomwa buri sabato.”
Inama nkuru y’intumwa yandikira abanyamahanga bizeye
22Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera. 23Maze babarungikana ikete ryavuga ritya:
Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero,
Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.
24Twarumvise ko hari bantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima. 25Ni co gituma twumvikanye gutoranyamwo abo dutuma, bazananye na bene Data dukunda cane, ari bo Baranaba na Pawulo, 26abagabo bahevye ubuzima bwabo ku bw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo. 27Kandi turabarungikiye Yuda na Silasi kugira ngo bemeze n’amajambo y’akanwa kabo ivyo tubandikiye. 28Kuko Mpwemu Yera vyamubereye vyiza, kandi natwe bitubera vyiza kutabaremereza ikintu na kimwe kirengeye ivyo tubasaba, ari vyo vy’ibi: 29Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza.
Turabasezeye.
30Nuko abo bantu baca barabarungika bamanuka muri Antiyokiya, bakoranya ishengero, babashikiriza rya kete. 31Barisomye baranezerwa cane kuko ryarimwo ubutumwa bubatera intege. 32Yuda na Silasi, bari basanzwe ari abavugishwa n’Imana, bongera bababwira amajambo menshi yo kubatera intege no kubakomeza. 33Nuko bahamara igihe, hanyuma abizera bo muri Antiyokiya barabasezera n’umuhezagiro w’amahoro, maze na bo basubira ku babatumye. [ 34Ariko Silasi ahitamwo kugumayo.]#15:34 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo. 35Ariko Pawulo na Baranaba bagumye muri Antiyokiya, aho bo n’abandi benshi bigishije bongera bavuga Ijambo ry’Umwami Yesu.
Ukutumvikana kwabaye hagati ya Pawulo na Barunaba
36Haheze igihe, Pawulo abarira Baranaba ati: “Ingo dusubire mu bisagara twigishijemwo Ijambo ry’Imana, turabe ingene bene Data bifashe.” 37Baranaba yipfuza ko Yohana Mariko ajana na bo, 38ariko Pawulo we abona ko bitabereye ko bojana kuko yigeze kubata i Pamfiliya, ntiyabandanyana na bo mu gikorwa. 39Nuko haba ukutumvikana gukomeye, bituma batandukana. Baranaba ajana na Mariko, bafata ubwato baja i Kupuro. 40Pawulo ahitamwo kujana na Silasi, bamaze gusengerwa n’abizera bakabaragiza ubuntu bw’Umwami Imana. 41Aca agendagenda muri Siriya no muri Kilikiya, akomeza amashengero yaho.
လက်ရှိရွေးချယ်ထားမှု
Ivyakozwe 15: BKC
အရောင်မှတ်ချက်
မျှဝေရန်
ကူးယူ

မိမိစက်ကိရိယာအားလုံးတွင် မိမိအရောင်ချယ်သောအရာများကို သိမ်းဆည်းထားလိုပါသလား။ စာရင်းသွင်းပါ (သို့) အကောင့်ဝင်လိုက်ပါ
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.