Ivyakozwe 14
14
Intumwa zirukanwa muri Ikoniyo
1Muri Ikoniyo, Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza batarya umunwa, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera. 2Ariko Abayuda banse kwizera bagumura abandi Banyamahanga babatera kwanka abizera. 3Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza. 4Maze abantu bo muri ico gisagara bicamwo imigwi, bamwe begamira Abayuda, abandi begamira intumwa. 5Mu nyuma, Abayuda n’Abanyamahanga bamwe, bari kumwe n’abatware babo, baja inama yo kugirira nabi intumwa no kuzicisha amabuye. 6Intumwa zibimenye, zica zihungira mu bisagara vya Lusitira na Derube biri i Lukawoniya, no mu micungararo. 7N’aho nyene babandanije bahavuga Ubutumwa Bwiza.
Pawulo akiza ikimuga i Lusitira
8I Lusitira hari umugabo yama yicaye kuko yari amugaye ibirenge. Yari yavutse amugaye, ntiyari yarigeze atambuka. 9Nuko yumviriza Pawulo ariko arigisha, Pawulo na we aramwihweza, abona afise ukwizera kwotuma akira. 10Pawulo aca avuga n’ijwi rirenga ati: “Haguruka, uhagarare ku birenge vyawe!” Ubwo nyene wa mugabo aca arabaduka, aca atangura gutambuka.
11Ishengero ribonye ivyo Pawulo akoze, bavuga n’amajwi arenga mu Kinyalukawoniya bati: “Imana zadushwayemwo zambaye imibiri y’abantu!” 12Baranaba bamwita Zeyusi#14:12 Zeyusi yari imana nkuru y’Abagiriki., Pawulo na we bamwita Heremesi#14:12 Heremesi yari intumwa y’imana., kuko ari we yigisha kenshi. 13Maze umuherezi wa Zeyusi azana impfizi z’inka n’ingori z’amashurwe kw’irembo ry’igisagara; aho ni ho hari ingoro y’iyo mana. We n’iryo sinzi ry’abantu bagomba gushikanira ibimazi izo ntumwa.
14Ariko Pawulo na Baranaba bavyumvise, bitabagurirako impuzu, birukanka mu bantu basemerera bati: 15“Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikorera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose. 16Mu bihe vyaheze, yaretse amahanga yose ngo yigenze uko yipfuza. 17Ariko ntiyigeze ihengeshanya kubiyereka mu vyiza yabakorera: yabaha imvura iva kw’ijuru n’umwimbu mwinshi mu gihe cavyo, ibaha ivyokurya bikwiye, ikuzuza imitima yanyu umunezero.” 18Naho Pawulo yari avuze amajambo nk’ayo, intumwa vyarazigoye kubabuza kuzishikanira ibimazi.
19Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye. 20Ariko abandi bigishwa bamaze kuza bakegeranira aho yari ari, aca arahaguruka, asubira mu gisagara. Bukeye we na Baranaba baca barahava, baja i Derube.
Basubira muri Antiyokiya ho muri Siriya
21Nuko bavuga Ubutumwa Bwiza muri ico gisagara kandi baharonka igitigiri kinini c’abigishwa. Hanyuma baca basubira i Lusitira, muri Ikoniyo no muri Antiyokiya 22binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.” 23Pawulo na Barunaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye. 24Nuko baca baca muri Pisidiya bashika i Pamfiliya. 25Bavuga Ijambo ry’Imana i Peruga, baca bamanuka muri Ataliya.
26Bavuye muri Ataliya, baciye bafata ubwato basubira muri Antiyokiya ho muri Siriya, aho bari basengewe ng’Ubuntu bw’Imana buzobane na bo ku bw’ico gikorwa bari barangije. 27Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera. 28Maze baguma aho, babana n’abigishwa igihe kitari gito.
လက်ရှိရွေးချယ်ထားမှု
Ivyakozwe 14: BKC
အရောင်မှတ်ချက်
မျှဝေရန်
ကူးယူ

မိမိစက်ကိရိယာအားလုံးတွင် မိမိအရောင်ချယ်သောအရာများကို သိမ်းဆည်းထားလိုပါသလား။ စာရင်းသွင်းပါ (သို့) အကောင့်ဝင်လိုက်ပါ
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.