1
Yohana 5:24
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.
Mampitaha
Mikaroka Yohana 5:24
2
Yohana 5:6
Yesu amubonye aryamye aho, akamenya n’uko amaze igihe kirekire arwaye, aramubaza ati: “Urashaka gukira?”
Mikaroka Yohana 5:6
3
Yohana 5:39-40
Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe, yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.
Mikaroka Yohana 5:39-40
4
Yohana 5:8-9
Maze Yesu aramubwira ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe ugendagende.” Ubwo nyene wa muntu arakira, aterura ikirago ciwe atangura kugendagenda. Ivyo vyabaye ku musi w’Isabato.
Mikaroka Yohana 5:8-9
5
Yohana 5:19
Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.
Mikaroka Yohana 5:19
Fidirana
Baiboly
Planina
Horonan-tsary