Luka 23
23
1Nuko abari mu nama bose bavira hasi rimwe bamujana kwa Pilato, 2batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”
3Pilato aca abaza Yesu ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?”
Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri.”
4Pilato aca abarira abakuru b’abaherezi n’isinzi ry’abantu bari aho bose ati: “Uwu muntu simbona ikimwagira.”
5Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”
6Pilato avyumvise aca abaza ati: “Uwu muntu ava i Galilaya?” 7Yumvise ko Yesu atwarwa mu ntara ya Herode Antipa, aca aramumurungikira, kandi ico gihe Herode yari i Yerusalemu.
8Herode abonye Yesu, aranezerwa cane kuko yari amaze igihe kirekire yipfuza kumubona. Yari yarumvise ivyiwe, maze yipfuza kumubona akora igitangaza. 9Nuko abaza Yesu ibibazo vyinshi ariko ntiyishura na kimwe. 10Abakuru b’aherezi n’abigisha b’ivyagezwe bari bahagaze ngaho, bamwagiriza bashimitse. 11Herode n’abasoda biwe baca batangura kumushinyagurira no kumucokora. Baca bamwambika impuzu y’ubwami, baramurungika asubira kwa Pilato. 12Kuva uwo musi Herode na Pilato baca baba abagenzi, kuko imbere y’aho bari abansi.
13Pilato aca akoranya abakuru b’abaherezi, abatware n’abari aho bose, 14ababwira ati: “Mwanzaniye uwu muntu muvuga ko yateye imigumuko, ariko namusambishirije imbere yanyu, nta caha camwagiriye. 15Ndetse na Herode nta co yamwagirije kuko mwiboneye ko yamudusubije. Nta co yakoze cotuma yicwa. 16Ndamukubitisha gusa, hanyuma ndamurekure.” [ 17Igihe cose kuri Pasika, Pilato yama abarekurira imbohe imwe.]#23:17 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
18Ariko bose basemerera icarimwe bati “Uwo muntu nabambwe, uturekurire Baraba.” 19(Uwo Baraba yari yatawe mw’ibohero yagirizwa umugumuko wari wabaye mu gisagara hamwe n’ubwicanyi.)
20Kubera ko Pilato yagomba kurekura Yesu, yongera avugana n’iryo sinzi ry’abantu. 21Ariko bo barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe! Nabambwe!”
22Yongera kubabaza ubwa gatatu ati: “None ni ikihe caha yakoze? Nta kintu na kimwe nabonye yakoze cotuma yicwa. Ariko ndamutanga bamutonagure gusa, hanyuma ndamurekure.”
23Noneho baca bashira urwamo hejuru basaba ko Yesu abambwa, gushika aho Pilato arengerwa, 24aca abemerera ico bamusavye. 25Nuko aca arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.
Yesu abambwa
26Abasoda batwaye Yesu kumubamba bafata Simoni w’i Kurene, yari avuye mu mirima, baca bamukorera umusaraba, agendera inyuma ya Yesu. 27Maze abantu isinzi baramukurikira, harimwo n’abagore bagenda baramuririra baboroga. 28Yesu arahindukira arababarira ati: “Bakobwa b’i Yerusalemu, nta co mundirira. Nimwiririre mwebwe, muririre n’abana banyu. 29Kuko igihe kigiye gushika, aho abantu bazovuga bati: ‘Hahiriwe abagore batigeze bavyara, n’inda zitigeze zibungenga, hamwe n’amabere atigeze yonsa.’ 30Hanyuma
‘bazobwira imisozi bati: “Tugweko!” # 23:30
Hoseya 10:8
n’imitumba bati: “Tunyegeze!” ’
31 Kuko nimba bagiriye gutya igiti kibisi, mbega icumye co bizokigendera gute?”
32Kandi hariho n’abandi bagabo babiri b’inkozi z’ikibi, na bo bajanwa kwicirwa hamwe na Yesu. 33Babashikanye ahantu hitwa Nyagihanga, abasoda baca baramubamba, ari kumwe na za nkozi z’ikibi, umwe i buryo uwundi i bubamfu bwiwe. 34Maze Yesu aravuga ati: “Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora.” Maze bagabura impuzu za Yesu hakoreshejwe ubufindo.
35Abantu isinzi bari aho babiraba; abakuru b’Abayuda na bo bamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, niyikize na we turabe, ko yigira ngo ni Kristo, Uwatoranijwe n’Imana.”
36N’abasoda baraza baramushinyagurira, bamuha inkarisha kugira ngo anywe, 37bamubwira bati: “Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize turabe!”
38Baca bamanika icandiko hejuru yiwe kivuga ngo:
uwu ni umwami w’abayuda.
39Umwe muri za nkozi z’ikibi zibambanywe na we aramutuka ati: “Ko uri Kristo, niwikize hanyuma udukize natwe.”
40Ariko mugenziwe aramukankamira avuga ati: “Mbega wewe ntutinya n’Imana kandi waciriwe urubanza rumwe n’urwiwe? 41Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze.”
42Aca avuga ati: “Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe.”
43Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo.”
Urupfu rwa Yesu
44Hari nk’isaha zitandatu z’umurango, maze umwijima utwikira igihugu cose gushika isaha icenda, 45kuko izuba ryari ryazimye. Maze igitambara co mu rusengero na co gitabukamwo kabiri. 46Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.
47Umusoda mukuru w’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari intungane.” 48Rya sinzi ry’abantu bari bakoraniye aho baje gushengerera ibiriko biraba babonye ibibaye, basubira inyuma buzuye umubabaro, bishishitira. 49Ariko abari bazi Yesu, harimwo na ba bagore bari bamukurikiye kuva i Galilaya, bagumye bahagaze aho bakurikiranira kure ivyariko biraba.
Yesu ahambwa
50Hari umugabo yitwa Yosefu, yari mu bagize inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda, akaba yari umuntu mwiza kandi w’intungane. 51Ntiyari ashigikiye abandi mu ngingo zose bafashe n’ivyo bakoze. Yava mu gisagara c’Abayuda citwa Arimataya, kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana. 52Nuko aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yesu. 53Hanyuma akimanura ku musaraba, akizingira mu gitambara cera, aca agishira mu mva nshasha yimbwe mu gitandara, itari bwigere ihambwamwo umuntu na rimwe. 54Ivyo vyabaye ari ku musi wo kwitegurira Isabato, kandi yagira itangure.
55Nuko ba bagore bavana na Yesu i Galilaya, bakurikira Yosefu, barabona ya mva, babona n’ukuntu ikiziga ca Yesu kiryamitsweyo. 56Baca basubira i muhira bategura ibimota neza n’amavuta yo gusiga ikiziga. Ariko Isabato igeze bararuhuka kugira bubahirize icagezwe.
Currently Selected:
Luka 23: BKC
Tya elembo
Share
Copy
Olingi kobomba makomi na yo wapi otye elembo na baapareyi na yo nyonso? Kota to mpe Komisa nkombo
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.