Luka 24
24
Ukuzuka kwa Yesu
1Ku musi wa mbere utangura indwi, hakiri kare mu gitondo, ba bagore bafata vya bimota neza bari bateguye, baja ku mva. 2Bahashitse, basanga ikibuye cari cugaye imva catembagajwe, 3hanyuma barinjira, ariko ikiziga c’Umwami Yesu ntibakibona. 4Bakizazaniwe haca haboneka abagabo babiri bambaye impuzu zica ibibatsi, bahagarara i ruhande yabo. 5Ba bagore bagira ubwoba bwinshi, bakubita ibipfukamiro hasi barunama, ariko ba bagabo barababwira bati: “Ni kuki muronderera umuntu muzima mu bapfuye? 6Ntari hano, yazutse. Nimwibuke ivyo yababwiye akiri kumwe namwe i Galilaya, 7ati: ‘Umwana w’Umuntu azotabwa mu maboko y’abanyavyaha, bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu azozuka mu bapfuye.’ ” 8Nuko baca baribuka amajambo yavuze.
9Bagarutse bavuye ku mva, bashika babarira bamwe cumi n’umwe n’abandi bose ivyabaye vyose. 10Abo bagore bagiye kubwira intumwa ivyabaye bari Mariya Magadalena, Yowana, na Mariya nyina wa Yakobo, n’abandi bagore bari kumwe na bo. 11Ariko intumwa ntizavyemera kuko ivyo abo bagore bavuga vyasa n’imigani kuri bo. 12Ariko Petero we arahaguruka agenda yiruka aja ku mva. Ashitseyo, arunama araba mu mva, abona vya bitambara vyera gusa, aca asubira inyuma yibaza ivyabaye.
Yesu yiyereka abantu bariko baja i Emawusi
13Kuri uwo musi nyene, abigishwa babiri ba Yesu bariko baja mu gisagara citwa Emawusi kiri nko ku birometero cumi na bibiri uvuye i Yerusalemu, 14bagenda baganira ku vyabaye vyose. 15Bakiriko baraganira bahanahana ivyiyumviro, Yesu aca arabegera ajana na bo. 16Ariko amaso yabo anyegezwa uwo ari we, ntibamumenya.
17Yesu arababaza ati: “Ivyo mugenda muraganira ni ibiki?”
Nuko baca barahagarara, bijiriwe cane. 18Umwe muri bo yitwa Kirewofasi aca amubaza ati: “Ni wewe wenyene waje i Yerusalemu utamenye ivyahabereye muri iyi misi?”
19Na we arababaza ati: “Ni ibiki vyabaye?”
Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu w’i Nazareti. Yari umuvugishwa n’Imana, yuzuye ubushobozi mu vyo yavuga no mu vyo yakora, imbere y’Imana n’imbere y’abantu. 20Abakuru b’abaherezi n’abatware bacu baramutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, maze baramubamba, 21natwe twari twizeye ko ari we yocunguye Abisirayeli. Kandi uwu ni umusi ugira gatatu ivyo bibaye. 22Ikigeretseko, hari abagore bo muri twebwe badutangaje. Bagiye ku mva uno musi mu gitondo, 23ariko ntibabona ikiziga ciwe. Baje batubwira ko abamarayika babiyeretse, bababwira ko ari muzima. 24Bamwe mu bagenzi bacu bagiye ku mva babisanga nk’uko ba bagore babivuze, ariko we ntibamubonye.”
25Yesu aca ababwira ati: “Yemwe bantu b’ubwenge buke mwe! Birabagora kwizera mu mitima yanyu ivyo abavugishwa n’Imana bavuze. 26Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?” 27Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.
28Bagira bashike mu gisagara bari bagiyemwo, Yesu amera nk’uwushaka kubandanya. 29Ariko baramwinginga cane bati: “Gumana natwe kuko buriko burira, kandi umusi ugeze kure.” Nuko Yesu agumana na bo.
30Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza. 31Amaso yabo aca aruguruka, baramumenya, ariko aca arakamangana, ntibasubira kumubona. 32Baca batangura kubazanya bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko iragurugumba igihe yariko aravugana natwe mu nzira, adusigurira Ivyanditswe?”
33Ubwo nyene baca barahaguruka basubira i Yerusalemu. Bashitseyo, basanga bamwe cumi n’umwe n’abari kumwe na bo bakoraniye hamwe, 34bariko bavuga bati: “Ni ukuri Umwami yazutse, kandi yiyeretse Simoni.” 35Maze abo bigishwa babiri na bo babiganira ivyabaye mu nzira bariko baragenda, n’ukuntu bamumenye amaze kumanyagura umukate.
Yesu yiyereka intumwa
36Bakiriko barababwira ivyabaye, Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”
37Baterwa n’ubwoba bwinshi kuko bibaza ko babonye umuzimu. 38Yesu arababaza ati: “Ni kuki mufise ubwoba no gukekeranya mu mitima yanyu? 39Ehe nimurabe ibiganza n’ibirenge vyanje. Ni jewe nyene. Nimunkoreko maze mumenye ko ntari umuzimu, kuko umuzimu utagira inyama n’amagufa nk’ivyo mumbonana.”
40Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’ibirenge vyiwe. 41Bakizazaniwe kubera umunezero n’ugutangara kwinshi, arababaza ati: “Nta vyokurya mufise?” 42Nuko bamuzanira ikimanyu c’ifi yokeje, 43na we arayakira, ayirira imbere yabo.
44Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”
45Aca abugurura ubwenge kugira ngo batahure Ivyanditswe. 46Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu, 47kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’ 48Namwe muri ivyabona vyo gushingira intahe ivyo. 49Ehe ngiye kubarungikira ingabire Data yasezeranye, ariko mugume mu gisagara gushika muhawe ubushobozi buvuye mw’ijuru.”
Yesu aduga mw’ijuru
50Maze Yesu aca abajana inyuma y’igisagara, hafi y’i Betaniya, aramvura amaboko arabahezagira. 51Akiriko arabahezagira, aca abavamwo, aduzwa mw’ijuru. 52Baca barapfukama baramusenga, hanyuma basubira i Yerusalemu buzuye umunezero mwinshi. 53Imisi yose bama mu rusengero, bahimbaza Imana.
Currently Selected:
Luka 24: BKC
Tya elembo
Share
Copy
Olingi kobomba makomi na yo wapi otye elembo na baapareyi na yo nyonso? Kota to mpe Komisa nkombo
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.