1
Luka 23:34
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Maze Yesu aravuga ati: “Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora.” Maze bagabura impuzu za Yesu hakoreshejwe ubufindo.
Kokisana
Luka Luka 23:34
2
Luka 23:43
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo.”
Luka Luka 23:43
3
Luka 23:42
Aca avuga ati: “Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe.”
Luka Luka 23:42
4
Luka 23:46
Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.
Luka Luka 23:46
5
Luka 23:33
Babashikanye ahantu hitwa Nyagihanga, abasoda baca baramubamba, ari kumwe na za nkozi z’ikibi, umwe i buryo uwundi i bubamfu bwiwe.
Luka Luka 23:33
6
Luka 23:44-45
Hari nk’isaha zitandatu z’umurango, maze umwijima utwikira igihugu cose gushika isaha icenda, kuko izuba ryari ryazimye. Maze igitambara co mu rusengero na co gitabukamwo kabiri.
Luka Luka 23:44-45
7
Luka 23:47
Umusoda mukuru w’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari intungane.”
Luka Luka 23:47
Ndako
Biblia
Bibongiseli
Bavideo