Logo YouVersion
Icona Cerca

Mika 7

7
Mika arizwa n’ivyaha biri mu gihugu
1 # Yes 24:13; Hos 9:10. Mbonye ibara! Kuko mmeze nk’igihe c’iyerūra ry’amatunda yo mu ci, nk’uduhūmbga two mu ruzabibu: ata n’agahando ko kurya; umutima wanje wifuza agasukoni k’isega. 2#Zab 10:9; 12:1; 14:1, 3; Yes 9:19.Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba. 3#Zab 82:1, 2; Mik 3:11; Zef 3:7.Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe. 4#Yes 22:5; Ezk 2:6; 33:2; Nah 1:10.Ūrusha abandi kumera neza ameze nk’umukere, kand’ ūbaye ūrusha abandi kugororoka n’insobane kurusha uruzitiro rw’amahwa: umusi wavuzwe n’abashibamyi bawe urashitse, ari wo wo guhanwa kwawe; kandi muzogwa mu gahundwe. 5#Yer 9:4.Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore wawe mupfumbatirana. 6#Mat 10:21, 35, 36.Kuk’ umuhungu akēngēra se, umukobga agahagurukira nyina, umukazana agahagurukira inabukwe; kand’ abansi b’umuntu bakaba abo mu rugo rwiwe.
Ivyizigiro vy’uwihannye vy’ukuri
7 # Int 3:26. Ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’ agakiza kanje: Imana yanje izonyumva. 8#Zab 37:24; 112:4; Yer 50:11.Ewe mwansi wanje, nta co unyitamba hejuru! Ni natemba nzovyuka, ni nicara mu mwiza Uhoraho azombera umuco. 9#1 Sam 24:15; Zab 37:6; Yer 10:19.Nzokwihanganira ubushangashirwe bg’Uhoraho, kuko namugararije, gushitsa ah’ azombūranira, akantsindira. Azonsohokana anshikane mu muco, nanje nzokwitegereza ukugororoka kwiwe. 10#Zab 18:42; Yow 2:17; Mik 4:11.Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira. 11#Am 9:11, 14.Umusi wo gusubira kwubaka inzitiro zawe uraje! Kur’ uwo musi urugabano rwawe ruzokwigizwayo, rushirwe kure. 12#Yes 11:11, 16; Zek 9:10.Kur’ uwo musi bazoza kuri wewe bavuye muri Ashuri no mu bisagara vyo muri Egiputa, uhereye muri Egiputa ugashitsa kuri rwa Ruzi, uhereye ku kiyaga ugashitsa ku kindi, uhereye ku musozi ugashitsa ku wundi. 13#Mik 6:13.Yamar’ isi izohinduka umusaka, kubg’ abayibako, bahōwe ivy’ ibikorwa vyabo vyāmuje.
14 # Zab 23:4; 28:9; Yer 50:19; Mik 5:4. Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera. 15#Zab 78:12.Nzokwereka ibitangaza, nk’ivyo mu gihe wava mu gihugu ca Egiputa. 16#Abac 18:19; Yes 26:11.Amahanga azobibona amāramāre, nah’ ubushobozi bgayo bgari bginshi; bīfate ku munwa, amatwi yabo azibe. 17#Zab 18:45; 72:9; Yes 49:23.Bazorigata umukungugu nk’inzoka, basokoroke mu binyegero vyabo nk’ivyikwega hasi, bahinda agashitsi; bazoza k’Uhoraho Imana yacu batinya, bafise ubgoba.
18 # Kuv 34:6, 7; Zab 103:9. N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi. 19#Zab 80:14; Yes 38:17; Rom 6:14.Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe; uzosiribangira ibigabitanyo vyacu musi y’ ibirenge vyawe: kand’ uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga. 20#Zab 105:9, 10; Luk 1:72, 73.Ukuri kwawe uzogushitsa kuri Yakobo, n’ikigongwe kuri Aburahamu, ari vyo nyene warahiye ba sogokuruza uhereye mu bihe vya kera.

Attualmente Selezionati:

Mika 7: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi