Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 9

9
Yesu akiza ikimuga ahejeje kugiharira ivyaha vyaco
1 # Mat 4:13. Aja mu bgato, arajabuka, ashika mu gisagara c’i wabo.#Mrk 2:1-12; Luk 5:17-26. 2Bamuzanira ikimuga bagiteruye mu nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Hūmura mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe. 3#Mrk 2:7.Bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe baribgira, bat’ Uyo ararogose. 4#Mat 12:25; Yoh 2:25.Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu? 5Non’ icoroshe n’ikihe, n’ukuvuga nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukuvuga nti Vyuka, ugende? 6Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — bun’ abgira ikimuga, ati Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe. 7Aravyuka arataha. 8Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ ubgo.
Yesu ahamagara Matayo
9 # Mrk 2:13-17; Luk 5:27-32. Yesu ahavuye, abona umuntu yitwa Matayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro. Aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.
10Kandi Yesu acicaye mu nzu arikw ararya, haza benshi mu batozakori n’abanyavyaha, basangira na Yesu n’abigishwa biwe. 11#Luk 15:2.Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe, bati N’iki gitumye umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abanyavyaha? 12Avyumvise, aravuga, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye. 13#Hos 6:6; 1 Sam 15:22; Mat 18:11.Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.
Kwisonzesha
14 # Luk 18:12. Kuri we haza abigishwa ba Yohana, bati N’iki gituma twebge n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, abigishwa bawe ntibisonzeshe?#Mrk 2:18-22; Luk 5:33-38. 15#Yoh 3:29.Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha. 16#Yoh 1:17.Nta wokwomeka ikiremo c’igitambara gisha ku mpuzu y’umushire, kukw ico kiremo gica impuzu, intoboro ikarushiriza kuba nini. 17Nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse: imikuza yoturika, vino igashirira hasi, imikuza igapfa. Arik’ umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha, vyompi bikarama.
Yesu akiza umugore arwaye ubutinyanka; azura umwana w’umukobga
18 # Mrk 5:22-43; Luk 8:41-56. Akibabgira ivyo, haza umukuru w’isinagogi aramupfukamira, at’ Umwana wanje w’umukobga aradēndūtse, n’uze se, umurambikekw ikiganza, asubire abe muzima. 19Yesu ava hasi, aramukurikira, bo n’abigishwa biwe. 20Bun’ umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, amuturuka inyuma, akora ku buyonga bg’impuzu yiwe; 21#Mat 14:36.yari yiyumviriye mu mutima, ati N’iyo nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira. 22Buno Yesu arakebuka aramubona, aramubgira, ati Hūmura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Nya mugore akira uwo mwanya. 23Yesu ashikiriye inzu y’uwo mukuru, abona abavuza imyironge n’abantu benshi bakoma induru, 24#Yoh 11:11, 14, 25.arababgira, ati Ni muhave, kuk’ umukobga atāhwereye, arikw arasinziriye. Baramutwenga bamushinyagurira. 25Abantu bamaze guhindirwa hanze, arinjira, amufata ukuboko, umukobga aravyuka. 26Iyo nkuru ikwira mur’ ico gihugu cose.
Yesu akiza impumyi zibiri n’ikiragi gitewe na dayimoni
27Yesu avayo, akirikw aragenda impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti Tugirire imbabazi, mwana wa Dawidi. 28Ashitse mu nzu, za mpumyi ziza kuri we. Maze Yesu arazibaza, ati Murizeye ko nshobora kubikora? Na zo zit’ Ego me, Mushingantahe. 29#Mat 8:13.Aca akora ku maso yabo, ati Bibabere nk’uko mwizeye. 30#Mat 8:4.Amaso yabo arahumūka. Yesu arabihanikiriza, ati Murumva, ntihagire umuntu abimenya. 31Ariko basohotse bamukwiza mur’ ico gihugu cose.
32Bano bagisohoka, bamuzanira ikiragi cinjiwemwo na dayimoni. 33Dayimoni amaze gusendwa ico kiragi kiravuga. Kand’ ishengero riratangara, riti Mu Bisirayeli ntiharibgaboneke ibimeze birtyo. 34#Mat 12:24.Arikw Abafarisayo baravuga, bat’ Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza gusenda abadayimoni.
Yesu aterwa akagongwe n’ishengero
35 # Mat 4:23. Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu masinagogi yabo, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara zose n’ubumuga bgose. 36#Mat 14:14; Mrk 6:34; Guh 27:17; Ezk 34:5.Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere. 37#Luk 10:2.Maz’ abgira abigishwa biwe, at’ Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake. 38Nuko ni mwinginge Nyen’ ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.

Attualmente Selezionati:

Matayo 9: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi