Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 20

20
Abakozi bo mu ruzabibu
1 # Mat 21:33. Ubgami bgo mw ijuru busa na nyen’ urugo azindutse kurondera abamukorera mu ruzabibu rwiwe. 2Ategeranya n’abakozi ku musi kubaha idenariyo, abarungika mu ruzabibu rwiwe. 3Nko kw isaha zitatu aragenda, abona abandi bīhagarariye mu kaguriro ata co bakora. 4Na bo arababgira, ati Namwe ni mugende mu ruzabibu, ndabagerera ivyo mukwiranye. Baragenda. 5Yongera kugenda kw isaha zitandatu no ku y’icenda, agira kuno. 6Kandi nko kw isaha cumi n’imwe aragenda, abona abandi bīhagarariye; arababgira, ati Mbega ko mwahagaze hano umusi wose ata co mukora? 7Baramwishura, bati N’ukw ata waturaritse. Arababgira, ati Namwe ni mungīre mu ruzabibu. 8Bugorovye, nyen’ uruzabibu abgira umukoresha wiwe, ati Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mu bo hanyuma gushitsa ku ba mbere. 9Abaje kw isaha cumi n’imwe bahabga idenariyo imwe‐imwe. 10Abātanguye kare bāje, bagira ngo bagererwa ibirenze. Ariko bahabga idenariyo imwe‐imwe na bo. 11Bayahawe bidodombera nyen’ uruzabibu, 12bat’ Abaherutse kuza, bagakora isaha imwe gusa, none k’ubaringanije natwe twacumukuye umurango wose no mu ndugumba! 13Na we yishura umwe muri bo, ati Mugenzi wanje, sinkugiriye nabi; ntitwemeranije idenariyo imwe? 14Fata iyawe, ugende. Uyo wo hanyuma nagomvye kumugerera nkawe. 15#Rom 9:16, 21; Mat 6:23.Har’ ikimbuza kugira uko ngomba mu vyanje? Cank’ ugize ijisho ribi kuko jewe ndi mwiza? 16#Mat 19:30.Uko ni kw ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, kand’ ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.
Yesu avuga ivy’ urupfu rwiwe
17 # Mrk 10:32-34; Luk 18:31-33. Yesu agira adūge i Yerusalemu, yihererana na ba bigishwa cumi na babiri, maze bari mu nzira arababgira, 18#Mat 16:21; 17:22, 23.at’ Ehe turadūze i Yerusalemu, kand’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bazomucira urubanza rwo gupfa, 19kandi bazomuha abanyamahanga ngw ashinyagurirwe, atonagurwe, abambge, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa.
Ubukuru bgo mu bgami bg’Imana
20 # Mat 10:2. Buno nyina wa bene Zebedayo aza kuri we, ari kumwe n’abahungu biwe, aramupfukamira, amusaba ijambo.#Mrk 10:35-45. 21#Mat 19:28.Aramubaza, at’ Uragomba iki? Na we ati Bivuge, aba bahungu banje babiri ngo baze bicare umwe i buryo bgawe uwundi i bumoso mu bgami bgawe. 22#Mat 26:39; Yoh 18:11; Luk 12:50.Yesu arishura, ati Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe jewe ngira nnywereko? Na bo bati Turashobora. 23Arababgira, at’ Igikombe canje koko muzokinywerako, ariko gutanga ivyicaro i buryo bganje n’i bumoso, s’ivyanje, atar’ abo Data yabiteguriye. 24#Luk 22:24-26.Bamwe cumi bavyumvise, bitonganiriza ivy’ abo babiri bavukana. 25Yesu arabahamagara, arababgira, ati Murazi yukw abaganwa b’amahanga bayatwaza amanyama, kandi n’abakuru bayo bayagirak’ ububasha. 26#Mat 23:11.Muri mwebge si ko biri. Arik’ ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’ abe umukozi wanyu; 27#Mrk 9:35.kand’ ūgomba kuba uw’ imbere az’ abe umuja wanyu, 28#Luk 22:27; Flp 2:7; 1 Tim 2:6.nk’uk’ Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.
Yesu ahumūra impumyi zibiri
29 # Mrk 10:46-52; Luk 18:35-43. Bakiva i Yeriko ishengero ryinshi riramukurikira. 30#Mat 15:22.Impumyi zibiri zari zicaye i ruhande y’inzira, zumvise yuko Yesu ahaciye ziratakamba, ziti Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi. 31Ishengero rirazizibiranya ngo zihore. Zirushiriza gutakamba, ziti Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi. 32Yesu arahagarara, arazihamagara, arazibaza, ati Mugomba ko mbakorera iki? 33Ziti Tugomba kw amaso yacu ahumūka Mwami. 34Yesu azigirira akagongwe, akora ku maso yazo, zica zirahumūka, baramukurikira.

Attualmente Selezionati:

Matayo 20: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi