Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 14

14
Ingene Herode yishe Yohana Umubatizi
1 # Luk 3:19, 20. Mur’ ico gihe umwami Herode yumva inkuru za Yesu.#Mrk 6:14, 17-29; Luk 9:7-9. 2Abgira abagendanyi biwe, at’ Uwo ni Yohana Umubatizi yazutse mu bāpfuye; ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we. 3#Mat 11:2.Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw ibohero kubga Herodiya, muka Filipo mwene se. 4#Lew 18:16; 20:21.Kuko Yohana yari yarabgiye Herode, ati N’ikizira k’umwābiriye. 5#Mat 21:26.Agomba kumwica, arikw atinya abantu, kuko bāmwiyumvira kw ar’ umuntu avugishwa n’Imana. 6Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobga wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode. 7Ni co catumye amwemerera amurahiye kw amuha ico yomusaba cose. 8Na we amaze kwoshwa na nyina, ati Mpēra ngaha ku mubehe umutwe wa Yohana Umubatizi. 9Bun’ umwami arijirwa; ariko kubga za ndahiro, no kubg’ abāsangira na we, abgiriza ko bawumuha; 10#Mat 17:12.atuma mw ibohero ngo bace izosi Yohana. 11Bazana umutwe ku kibehe, bawuha wa mwigeme, awushīra nyina. 12Abigishwa biwe baraza, bajana ikiziga, baragihamba, maze baja kubikira Yesu.
Yesu ahāza abantu ibihumbi bitanu
13 # Mrk 6:31-44; Luk 9:10-17; Yoh 6:1-13. Yesu avyumvise, arahava, agenda mu bgato, aja ahantu h’agahinga kwiherērayo. Ishengero rivyumvise, riva mu bisagara, rimukurikira rijanye inkōkoro.#14:13 Kujana inkōkoro ni kwo kugendana inkombe. 14#Mat 9:36.Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye. 15Bugorovye, abigishwa baramwēgēra, bati Mbega hano hantu kw ari mu gahinga, kandi bukaba buriko burīra: sezera abantu baje mu mihana kwirondereray’ ivyo kurya. 16Yesu arababgira, ati Ntibarinda kugenda: mube ari mwebge mubagaburira. 17Baramwishura, bati Nta vyo dufise hano atar’ udutsima dutanu n’udufi tubiri. 18Na we ati Ni mubinzanire hano. 19Abgira abantu kwicara hasi ku vyatsi, yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira; amanyagura ya mitsima, ayiha abigishwa, abigishwa bagaburira ishengero. 20#2 Abam 4:44.Bararya bose, barahāga. Batororokanya utumanyagu tw’imisigazwa twuzura ibisimbo cumi na bibiri. 21Kand’ abāriye bār’ abagabo nk’ibihumbi bitanu, ukūyemw’ abagore n’abana.
Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga
22 # Mrk 6:45-56; Yoh 6:15-21. Uwo mwanya agōbēra abigishwa ngo batambukire mu bgato bītangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero. 23#Luk 6:12; 9:18.Ahejeje gusezera ishengero, adūga umusozi gusenga yiherereye. Bgagorovye ariyo ari wenyene gusa. 24Arik’ ubgato bushitse hagati mu kiyaga bāri batamijwe n’imipfunda, kuk’ umuyaga war’ ubaturutse imbere. 25Ku muteramyi agira kane, aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga. 26#Luk 24:37.Abigishwa bamubonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, basimbga n’umutima, bati N’igihūme; baturishwa ubuku n’ubgoba. 27Uwo mwanya Yesu arababgira, ati Hūmura, ni jewe, ni mureke gutinya. 28Petero aramwishura, ati Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze ah’ uri ku mazi. 29Na we ati Ngo. Petero yururuka mu bgato, agendesha amaguru ku mazi, ngw aje aho Yesu ari. 30Abonye igihuhuta, aratinya, atanguye kuroka arataka, ati Ntabara Mugenzi. 31#Mat 8:26.Buno Yesu aramvura ukuboko, aramucakira, aramubgira, ati Yewe w’ukwizera guke, n’iki cagukekeranishije? 32Būriye mu bgato, umuyaga uraca. 33Abāri mu bgato baramupfukamira, bati N’ukuri ur’ Umwana w’Imana.
Yesu akiza abarwaye benshi
34Bamaze kujabuka hakurya, bafata i musozi mu ntāra y’i Genesareti. 35Abantu b’aho hantu baramumenya, batumatumanako mur’ ico gihugu cose, bamuzanira abarwaye bose, 36#Mat 9:21; Luk 6:19.baramwinginga ngo bakore ku buyonga bg’impuzu yiwe gusa, ababukozeko bose barakira.

Attualmente Selezionati:

Matayo 14: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi