Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 15

15
Yesu agaya inyigisho z’Abafarisayo
1 # Mrk 7:1-23. Maz’ Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe baza kuri Yesu bavuye i Yerusalemu, baramubaza, 2#Gus 4:2; Luk 11:38.bati N’iki gitumye abigishwa bawe barenga imigenzo twabgirijwe n’aba kera, ntibakarabe iyo bagira barye? 3Na we arababaza, ati None mweho, n’iki catumye murenga icagezwe c’Imana kubg’ imigenzo yanyu? 4#Kuv 20:12; 21:17; Gus 5:16.Kukw Imana yavuze, iti Wubahe so na nyoko; kand’ it’ Ūtutse se canke nyina ntaz’ abure kwicwa. 5Ariko mweho, mugira mut’ Umuntu wese abgira se canke nyina, at’ Ico nari kugufashisha ni co nzoshikanira Imana, 6ntiyubahe se canke nyina. None mwatītūye ijambo ry’Imana kubg’ imigenzo yanyu. 7#Yes 29:13.Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebge,
8at’ Aba bantu banyubahisha iminwa yabo,
Arikw imitima yabo iri kure yanje.
9Bansengera ubusa,
Kukw inyigisho bigisha ar’ ivyagezwe n’abantu.
10Ahamagara ishengero araribgira, ati Ni mwumve, mubitahure. 11#Mat 12:34; 1 Tim 4:4.Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; arikw ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.
12Bun’ abigishwa baramwēgēra, baramubarira, bat’ Urazi yukw Abafarisayo bumvise iryo jambo bakavunika umutima? 13#Yoh 15:2.Arabishura, at’ Igitewe cose, Data wo mw ijuru atāteye, kizorandurwa. 14#Mat 23:24; Luk 6:39; Yoh 9:40; Rom 2:19.Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo. 15Petero aramwishura, ati Dusobanurire uwo mugani. 16Na we aramubaza, ati Mbega namwe muracar’ imburabgenge? 17Ntimutahura yukw ikintu cose kigiye mu kanwa kija mu nda kigaca mu nzira yaco? 18Arikw ibiva mu kanwa biba biturutse mu mutima, ni vyo bimuhumanya. 19#Ita 8:21.Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi. 20Ivyo vyose ni vyo bihumanya umuntu. Ariko kurisha intoke zidakaravye si vyo bimuhumanya.
Yesu akiza umukobga w’Umunyakananikazi
21 # Mrk 7:24-30. Yesu arahava, aja ahegereye muri Tiro n’i Sidoni. 22Umunyakananikazi ava mu ntāra yaho aratakamba, ati Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni. 23Na we ntiyamwishura ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baza kuri we, baramwinginga, bati Murungike, kukw agenda aradusemerera inyuma. 24#Mat 10:6.Arabishura, ati Sinatumwe ku bandi, atari ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli. 25Amushikiriye aramupfukamira, ati Ntabara se Mugenzi. 26Aramwishura, ati Si vyiza kwābira umutsima w’abana ukawuterera utubga. 27Na we ati Nka ko, Mugenzi, kuk’ utubga na two twīrīra utuvunguka dukorokera musi y’ameza ya ba nyene two. 28#Mat 8:10, 13.Buno Yesu aramwishura, at’ Ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje: bikubere nk’uk’ ugomba. Umukobga wiwe aca akira uwo mwanya.
Yesu akiza abarwaye benshi
29 # Mrk 7:31. Yesu arahava, aja ku kiyaga c’i Galilaya, adūga umusozi, yicaraho. 30Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira n’ibimuga n’impumyi n’ibiragi, n’abandi benshi, babashira imbere y’ibirenge vyiwe, arabakiza. 31#Mrk 7:37.Bituma ishengero ritangara ribonye ibiragi bivuga n’ibimuga bikomera n’abacumbagira bagenda neza n’impumyi zibona; bahimbaza Imana y’Abisirayeli.
Yesu ahāza abantu ibihumbi bine
32 # Mat 14:14. Yesu ahamagara abigishwa biwe, at’ Ishengero rinteye akagongwe, kuk’ uyu ar’ umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Ariko singomba kubasezera bashonje, ntibagwīre isari mu nzira.#Mrk 8:1-10. 33Abigishwa baramubaza, bati Twokūra hehe mur’ aka gahinga imitsima ingana irtyo yo guhāza iri shengero ringaho? 34Yesu arababaza, ati Mufise imitsima ingahe? Na bo bati N’indwi, n’udufi dukeya. 35Abarira ishengero ngo ryicare hasi. 36Yābīra ya mitsima ndwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero. 37Bararya bose, barahāga; batororokanya imisigazwa y’utumanyagu, yuzura ibivumvu ndwi. 38Abāriye bar’ abagabo ibihumbi bine, ukūyemw’ abagore n’abana. 39Asezera ishengero, atambukira mu bgato, aja mu gihugu c’i Magadani.

Attualmente Selezionati:

Matayo 15: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi