Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 1

1
Amazina ya ba sekuruza ba Yesu Kristo
1 # 1 Ngo 17:11; Ita 5:1; 22:18. Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi, Dawidi wa Aburahamu.#Luk 3:23-38.
2 # Ita 21:3, 12; 25:26; 29:35; 49:10; 1 Ngo 1:34. Aburahamu yavyaye Isaka, Isaka yavyaye Yakobo, Yakobo yavyaye Yuda n’abandi bavukana, 3#1 Ngo 2:5, 9; Ita 38:29, 30; Rus 4:18-22.Yuda yavyaye Peresi na Zera kuri Tamari, Peresi yavyaye Hesironi, Hesironi yavyaye Ramu, 4#1 Ngo 2:10-12.Ramu yavyaye Aminadabu, Aminadabu yavyaye Nahasoni, Nahasoni yavyaye Salumoni, 5#Rus 4:13-17.Salumoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu, Bowazi yavyaye Obedi kuri Rusi, Obedi yavyaye Isayi, 6Isayi yavyaye umwami Dawidi.
Dawidi yavyaye Salomo kuri muka Uriya,#2 Sam 12:24. 7#1 Ngo 3:10-14.Salomo yavyaye Rehobowamu, Rehobowamu yavyaye Abiya, Abiya yavyaye Asa, 8Asa yavyaye Yehoshafati, Yehoshafati yavyaye Yoramu, Yoramu yavyaye Uziya, 9Uziya yavyaye Yotamu, Yotamu yavyaye Ahazi, Ahazi yavyaye Hezekiya, 10Hezekiya yavyaye Manase, Manase yavyaye Amoni, Amoni yavyaye Yosiya, 11#1 Ngo 3:15, 16.Yosiya yavyaye Yekoniya n’abandi bavukana, mu gihe co kwambukanwa i Babuloni.
12 # 1 Ngo 3:17; Ezr 3:2. Kuva mu gihe co kwambukanwa i Babuloni Yekoniya yavyaye Shalutiyeli, Shalutiyeli yavyaye Zerubabeli, 13Zerubabeli yavyaye Abihudi, Abihudi yavyaye Eliyakimu, Eliyakimu yavyaye Azori, 14Azori yavyaye Sadoki, Sadoki yavyaye Akimu, Akimu yavyaye Elihudi, 15Elihudi yavyaye Eleyazari, Eleyazari yavyaye Matani, Matani yavyaye Yakobo, 16#Mat 27:17, 22.Yakobo yavyaye Yosefu, umugabo wa Mariya nyina wa Yesu yitwa Kristo.
17Nuko ba sekuruza bose guhera kuri Aburahamu gushitsa kuri Dawidi n’icumi na bane, kandi guhera kuri Dawidi gushitsa ku gihe co kwambukanwa i Babuloni n’icumi na bane, kandi guhera ku gihe co kwambukanwa i Babuloni gushitsa kuri Kristo n’icumi na bane nyene.
Ukuvuka kwa Yesu Kristo uko kwagenze
18 # Luk 1:35. Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gurtya: nyina Mariya yar’ akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera. 19Ariko Yosefu, umugabo wiwe, kukw ar’ umugororotsi, kandi kukw atagomvye kumutetereza, yiyumvira kumubengera mu mpisho. 20Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera. 21#Luk 1:31; 2:21; Ivyak 4:12.Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo. 22#Yes 7:14.Ivyo vyose vyabaye birtyo ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu kanwa k’uwavugishwa na we biboneke,
23ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu,
Bazomwita Imanuweli;
risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe. 24Yosefu yikanguye aravyuka, agira nk’uk’ umumarayika w’Umwami Imana yamubariye, arongora umugeni wiwe. 25#Luk 2:7.Kandi ntiyigera amwēgēra gushitsa aho yavyariye umwana w’umuhungu; araheza amwita YESU.

Attualmente Selezionati:

Matayo 1: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi