Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 2

2
Abanyabgenge b’inyenyeri baninahaza Yesu
1 # Luk 2:1-7. Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu, 2#Guh 24:17.barabaza, bat’ Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twābonye inyenyeri yiwe, tur’ i burasirazuba, none tukaba tuzanywe no kumushengerera. 3Umwami Herode avyumvise, ahagarikana umutima n’ab’i Yerusalemu bose. 4Akoranya abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bose bo mur’ ubgo bgoko, arababaza, ati Kristo azovukira hehe? 5#Mik 5:2; Yoh 7:42.Bati N’i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya, ni ko vyanditswe n’umuntu yavugishwa n’Imana,
6ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda,
Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda,
Kuko kuri wewe hazova ūganza,
Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.
7Buno Herode ahamagaza ba banyabgenge mu mpisho, abasiguza igihe iyo nyenyeri yabonekeye. 8Abatuma i Betelehemu, ati Mugende, mubaze mushirutse umwete ivy’ uwo mwana. Ni mwamubona muce muza kumbarira, ngo nanje nze kumushengerera. 9Na bo bumvise iry’ umwami, baragenda. Maz’ iyo nyenyeri bābonye i burasirazuba irabarōngōra, irinda ishika hejuru y’ah’ uwo mwana ari, ihagararaho. 10Babonye iyo nyenyeri banezerwa akaneza kenshi cane. 11#Zab 72:10, 15; Yes 60:6.Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga. 12Babgiriwe n’Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, bīsubirira mu gihugu c’i wabo.
Guhungira muri Egiputa
13 # Kuv 2:15. Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice. 14Ahenga mw ijoro aravyuka, ajana umwana na nyina, aja muri Egiputa, 15#Hos 11:1.agumayo gushitsa Herode amaze gutanga, ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu wavugishwa na we bishike, ngo Nahamagaye umwana wanje ngw ave muri Egiputa.
Herode ageseza abana b’i Betelehemu
16Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge. 17#Yer 31:15.Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n’Imana vyashikiye,
18 # Ita 35:19. ngw Induru yumvikana i Rama,
Amarira n’amaborogo menshi;
Rakeli aririra abana biwe,
Yanka kwīrūrwa, kuko batakiriho.
Bajana Yesu i Nazareti
19Herode amaze gutanga, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi ari muri Egiputa, 20#Kuv 4:19.aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uje mu gihugu c’i Bgisirayeli, kukw abārondera kwica umwana bāpfuye. 21Avyutse, ajana umwana na nyina, aragenda, ashika mu gihugu c’i Bgisirayeli. 22Ariko yumvise yuko Arukelayo yimye i Yudaya, asubiye ku ngoma ya se Herode, atinya kujayo. Abgiriwe mu nzozi, aja mu bihugu vy’i Galilaya. 23#Luk 1:26; 2:39; Yes 11:1; 53:2; Yoh 1:46.Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.

Attualmente Selezionati:

Matayo 2: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi