Logo YouVersion
Icona Cerca

Malaki 2

2
Ingen’ abaherezi bishe amasezerano
1 # Mal 1:6. Nuko rero mwa baherezi mwe, iri bgirizwa ni mwebge ndaribgirije. 2#Lew 26:14; Gus 28:15; Mal 3:9.Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima. 3#Kuv 29:14; Yow 1:17; Nah 3:6.Rāba nzovuma imbuto zanyu, ari mwebge mubinteye, kandi nzobasīga mu maso amayezi y’ibimazi vyanyu; muzoyoranwa na yo. 4#Guh 3:45; 25:12, 13; Neh 13:29.Ni ho muzomenyera kw ari jewe nabarungikiye iryo bgirizwa, kugira ngw isezerano nasezeranye na Lewi rimugumeko, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 5#Yes 54:10.Isezerano nasezeranye na we ryar’ iry’ ubugingo n’amahoro; nabimuhaye ngw anyubahe: maz’ aranyubaha, ahindishwa agashitsi n’izina ryanje. 6#Dan 12:3; Yak 5:20.Icagezwe c’ukuri caba mu kanwa kiwe, kandi mu minwa yiwe nta bigoramye vyahumvikana; yagendana nanje mu mahoro no mu bugororotsi, yahindura benshi bakareka ibigabitanyo. 7#Lew 10:11; Gus 17:9; Hag 1:13.Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo. 8#1 Sam 2:17; Ezk 22:26.Ariko mweho mwarakebeje muta inzira; mutsitaje benshi mu vy’ivyagezwe; mwononye isezerano rya Lewi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 9#Gus 1:17; 16:19; 1 Sam 2:30.Nanje ni co gitumye mbahindura inkēngērwa, nkabacisha bugufi imbere y’abantu bose, kuko mutakomeje inzira zanje, ariko mukarobanura abantu ku cubahiro mu vy’ivyagezwe.
Ivyaha vy’abantu b’Imana
10 # Gus 4:35, 39; Yes 33:1; 1 Kor 8:6; Ef 4:6. Mbega twese ntidusangiye Data? Imana yaturemye s’imwe? None n’iki gituma turyarukana, umuntu wese aryaruka mwene wabo, tukica isezerano ryasezeraniwe ba sogokuruza? 11#Ezr 9:2.Yuda araryaruka, kandi bakora ibizira mu Bisirayeli n’i Yerusalemu; kuko Yuda ahumanije ahēra Uhoraho akunda, yābiriye umukobga w’imana y’inyamahanga. 12Ūkora ben’ ivyo, Uhoraho azomurandura mu mahema ya Yakobo, ar’ umuteramyi, ar’ uwitaba, ar’ ūshikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ishikanwa. 13Kand’ ikigeretseko mukora, mutotesha igicaniro c’Uhoraho amosozi, mwīriza, musuhuza imitima, bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngw ayākīre ayemeye. 14Yamara muravuga, muti Ni ku ki? Ni kuk’ Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n’umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse, nah’ ar’ umugenzi wawe, akaba n’umugore w’isezerano. 15#Ita 2:24; Mat 19:4, 5.Nta wokoze ben’ ivyo, Mpwemu akiri muri we. Ūmufise bimumerera bite? Yifuza kugira uruvyaro ruzokwubaha Imana. Nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, ntihagire ūryaruka umugore wiwe wo mu bucance. 16#Mrk 10:9, 11.Kuko nanka ivyo kwahukana, ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, nanka n’ūtwikira umwambaro wiwe umuryano, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, mwoye kuryarukana.
17 # Yes 5:20; 43:24; Mal 3:1, 15; 2 Pet 3:4. Uhoraho mwaramurambiye n’amagambo yanyu; yamara muravuga, muti Twamurambiye dute? Ni kuko muvuga yuk’ umuntu wese akora ivyaha ari mwiza imbere y’Uhoraho, ngo Kand’ aramuhimbara; canke ngw Imana ica imanza iri hehe?

Attualmente Selezionati:

Malaki 2: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi