Logo YouVersion
Icona Cerca

Yona 4

4
Yona aratswa n’ukw Imana ihariye ab’ i Ninewe
1Arikw ivyo bishavuza Yona cane, araraka. 2#Yow 2:13.Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi. 3#1 Abam 19:4.None rero, Uhoraho, ndakwinginze, pfuma unyica, kuko gupfa kundutiye kubaho. 4Uhoraho aramubaza, ati Mbega k’uratse urtyo, ugize neza? 5Nuko Yona ava mur’ ico gisagara, yicara ku ruhande rwaco rw’i burasirazuba; aba ari ho aca agasago, yicara muri ko mu gatūtu, yiteze kurāba amaherezo yaco.
6Maz’ Uhoraho Imana ameza ikibonobono, gitagarara hejuru y’ aho Yona ari, kugira ngo kimubere igitūtu ku mutwe, kimworohereze amagorwa yarimwo. Maze Yona agira umunezero mwinshi kubg’ ico kibonobono. 7Arikw Imana igera igikogoshi ngo kirye ico kibonobono; buca cākabiranye. 8#Zab 121:6.Maz’ izuba rirashe, Imana igera umuyaga w’indugumba, ng’ uve i burasirazuba; izuba rinaga Yona mu mutwe, bituma ahinduka urusogosogo, yisabira gupfa, ati Gupfa vyondutira kubaho. 9Maz’ Imana ibaza Yona, iti Mbega k’urakijwe urtyo n’ ico kibonobono, ugize neza? Arayishura, ati Ngize neza kugira uburake, mbere bgonyica. 10Uhoraho aramubaza, ati K’ ugiriye ikibabarwe ico kibonobono, utākoreye kand’ utāmejeje, cameze ijoro rimwe, ku rindi kikūma, 11#Yon 3:7.none jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimw’ abantu ibihumbi ijana na mirongwibiri basāga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso; hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi?

Attualmente Selezionati:

Yona 4: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi