Logo YouVersion
Icona Cerca

Yoweli 3

3
Amatēka azocirwa abarwanizi b’Imana
1 # Yer 30:3. Ehe rāba, mur’ iyo misi no mur’ ivyo bihe, aho nzosubira kugarukanira ab’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu mbakūye mu ngoyi, 2#Yer 25:31; Zef 3:8.nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje. 3#Nah 3:10.Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere. 4#Yes 23:1, 2; Ezk 25:15, 16.Mbega twapfuye iki, ga yemwe ab’i Tiro n’i Sidoni, namwe ababa mu ntāra zose z’i Bufilisitiya? None har’ ico munyīhōra? Erega namba mugomba kunyīhōra, ukwo kwīhōra kwanyu nzonyarutsa vuba kukubasubiza ku mitwe. 5#2 Ngo 21:16, 17.Ko mwāsahuye amafeza yanje n’amazahabu yanje, ibintu vyanje vyiza vy’igikundiro mukabijana mu nsengero zanyu z’ibigirwamana; 6kand’ abantu b’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu ko mwābaguze n’Abagiriki, kugira ngo mubakūreho, baje kure y’igihugu cabo: 7ehe nanje nzobavyutsa, mbakūre ahantu iyo mwābaguriye, kandi kwa kunyīhōra kwanyu nzokubasubiza ku mitwe. 8Namwe abahungu banyu n’abakobga banyu nzobagura n’ab’i Buyuda, na bo bazobagura n’abantu b’i Sheba, ihanga rya kure: kukw ari jewe Uhoraho mbivuze.
9 # Yer 6:4. Enda ni mwāmāmaze ibi mu mahanga, muti Ni mugabishe, mugomore abahizi, ingabo zose ni zīgire hafi, zidūge. 10#Yes 2:4.Amasuka yanyu muyavunjavunje, muyacuremw’ inkota, n’inkero#3:10 inkero ni zo nyabuhoro. zanyu muzivunjavunje, muzicuremw’ amacumu: kand’ umunyantege nke ni yivuge kw ar’ umuhizi. 11Ni munyaruke muze, yemwe mahanga mwese yo hirya no hino, mukoranire hamwe: nawe Uhoraho, n’ugomore abahizi bawe bamanuke! 12#Zab 98:9; 110:6; Yes 3:13.Amahanga ni yikangure, adūge, aje mu kiyaya ca Yehoshafati: kukw ari ho nzovyagira, ngacira amatēka amahanga yose yo hirya no hino. 13#Yes 63:2, 3; Yer 51:33; Hos 6:11; Yoh 4:35; Ivyah 14:15-20.Ni musohore imihoro, kukw iyimbura rigeze! Ni muze mugane, kuk’ ubgato bguzuye, kand’ amāto akaba abōgabōga; kukw ibibi vyabo ari vyinshi. 14#Yow 1:15; 2:10.Ewe masinzi n’amasinzi ari mu kiyaya kizorundurirwamw’ imanza! Kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi, ah’ imanza zizorundurirwa mu kiyaya! 15Izuba rizocura umwiza, bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zizoca zireka kwaka. 16#Yes 25:4; Yer 25:30; Yow 2:11.Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira. 17#Zab 48:1; Yes 52:1; Yer 31:23; Ezk 6:7; Nah 1:15; Zek 14:21; Ivyah 21:27; 22:15.Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.
Imigisha Abayuda bazoheruka guhabga
18 # Yes 30:25; Ezk 47:1; Am 9:13. Maze kur’ uwo musi, imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi dutembe amata, kand’ imigezi yose y’i Buyuda izosendanisha amazi; kand’ isōko izotoboka iva mu ngoro y’Uhoraho, inyoshe ikiyaya c’i Shitimu. 19#Yes 19:1-17; 34:5.Egiputa hazocika amatongo, na Edomu hazohinduka ubugaragwa bg’uruharabuga, bazize inabi bagiriye Abayuda, kuko mu bihugu vyabo bahavishirije amaraso y’abatācumuye. 20#Zab 125:1, 2; Ezk 37:25.Arikw i Buyuda hazokwamaho gushitsa ibihe bidashira, bo n’i Yerusalemu uk’ urunganwe ruzogenda rukurikirana. 21#Yes 4:4.Kandi nzohōra amaraso yabo ntaribgahōre: kuko jewe Uhoraho mpangamye i Siyoni.

Attualmente Selezionati:

Yoweli 3: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi