1
Matayo 13:23
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Uwabibge mw ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura, uwo ni we rero yama imbuto, umwe akagira ijana, uwundi mirongwitandatu, uwundi mirongwitatu, birtyo birtyo.
Confronta
Esplora Matayo 13:23
2
Matayo 13:22
Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.
Esplora Matayo 13:22
3
Matayo 13:19
Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira.
Esplora Matayo 13:19
4
Matayo 13:20-21
Uwabibge ku rutare ni we yumva ijambo, agaca aryakirana umunezero; ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza.
Esplora Matayo 13:20-21
5
Matayo 13:44
Ubgami bgo mw ijuru busa n’izahabu zanyegejwe mw itongo. Umuntu yazubutseko, arazihisha, aragenda, umunezero umutera gushōra ivy’ afise vyose, agura iryo tongo.
Esplora Matayo 13:44
6
Matayo 13:8
Izindi zigwa mw ivu ryiza, zihunda impeke, zimwe ijana, izindi mirongwitandatu, izindi mirongwitatu birtyo birtyo.
Esplora Matayo 13:8
7
Matayo 13:30
Mureke bikurane vyompi gushitsa mw igenya. Maze mu gihe c’igenya nzobgira abagenyi, nti Mubanze mutororokanye urwamfu, muruhambire imikama, muruturire; arik’ uburo mubgimburire mu kigega canje.
Esplora Matayo 13:30
Home
Bibbia
Piani
Video