Efeso 2
2
Ubuntu ni bwo bwadukijije
1Kera mwari mwarapfuye, mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu, 2ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana. 3Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose. 4Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze, 5yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije. 6Kandi Imana yatuzuranye na Kristo, itwicarikana na we ahantu ho mw’ijuru muri Kristo Yesu, 7kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane ubutunzi bwinshi butogereranywa bw’ubuntu bwayo, ubwo yatweretse biciye mu buntu yatugiriye muri Kristo Yesu. 8Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana. 9Ntivyavuye no ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe yohava yirata. 10Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.
Turi umwe muri Kristo
11Nuko mwibuke ko kera mwebwe Abanyamahanga mwitwa “abatakebwe” n’abo biyita “abakebwe” (bakebwe ku mubiri n’intoke z’abantu). 12Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi. 13Ariko ubu, mumaze kuba muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure y’Imana kera mwigijwe hafi yayo biciye mu maraso ya Kristo.
14Kuko ni we mahoro yacu, we yakuyeho amacakubiri yari hagati y’Abayuda n’abanyamahanga akabagira ihanga rimwe akuyeho igihome c’ubwansi cadutandukanya. 15Yabikoze mu gukuraho ibikorwa vyose vyisunga amategeko n’amabwirizwa, abikuzaho umubiri wiwe. Intumbero kwari kugira ngo yiremere ubwoko bushasha akuye mu Bayuda no mu Banyamahanga, gutyo azane impore hagati yacu. 16Kandi abagire umubiri umwe abahuze n’Imana biciye mu rupfu rwo ku musaraba, uwo yicishije ubwo bwansi bwari hagati yabo. 17Yaraje ababwira inkuru nziza y’amahoro mwebwe abanyamahanga mwari kure, abwira amahoro n’Abayuda bari hafi. 18Kuko duciye kuri we, twese hamwe twaronse uburenganzira bwo gushikira Data turi muri Mpwemu umwe.
19Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo. 20Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka. 21Muri we inyubakwa yose irafatanywa neza ikaduga kugira ngo ibe urusengero rwejejwe mu Mwami. 22Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.
Currently Selected:
Efeso 2: BKC
Highlight
Share
Copy
![None](/_next/image?url=https%3A%2F%2Fimageproxy.youversionapi.com%2F58%2Fhttps%3A%2F%2Fweb-assets.youversion.com%2Fapp-icons%2Fen.png&w=128&q=75)
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.