1
Efeso 2:10
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.
Compare
Explore Efeso 2:10
2
Efeso 2:8-9
Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana. Ntivyavuye no ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe yohava yirata.
Explore Efeso 2:8-9
3
Efeso 2:4-5
Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze, yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.
Explore Efeso 2:4-5
4
Efeso 2:6
Kandi Imana yatuzuranye na Kristo, itwicarikana na we ahantu ho mw’ijuru muri Kristo Yesu
Explore Efeso 2:6
5
Efeso 2:19-20
Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo. Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.
Explore Efeso 2:19-20
Home
Bible
Plans
Videos