Efeso 1
1
1Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu, kubera ugushaka kw’Imana,
Ndabandikiye mwebwe abera bo muri Efeso, abizigirwa ba Kristo Yesu:
2Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe.
Imihezagiro yo mu buryo bw’Impwemu muri Kristo
3Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo. 4Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo, 5yari yaramaze gufata ingingo yo kutugira abana bayo biciye kuri Yesu Kristo. Ibi ni vyo yashaka kandi vyarayinezereye. 6Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda. 7Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi! 8Ubwo buntu yarabudusutseko, ibuduhana ugutahura kwose n’ubwenge bwose. 9Imana yaduhaye kumenya ibanga ry’umugambi wayo, uwo yari yarateguye gushira mu ngiro, mu kugira neza kwayo, ibicishije muri Kristo. 10Uwo mugambi, Imana yashatse kuwushira mu ngiro igihe yashinze gishitse. Ni uwo kwegeraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose ikabishira musi y’inganji ya Kristo.
11Ikigeretse kuri ivyo, kubera yuko twafatanijwe na Kristo, twararonse umugabane ku Mana, kuko yadutoranirije muri we kuva kera, kandi igatuma vyose bikorwa nk’uko umugambi wayo uri. 12Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro. 13Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera. 14Uwo Mpwemu ni ingwati y’Imana yemeza ko tuzohabwa umugabane twasezeraniwe kandi ko yatuguze ngo tube abantu bayo. Ivyo yabikoze kugira ngo tuyishime kandi tuyihe icubahiro.
Isengesho Pawulo abasengera
15Ni co gituma, kuva numvise ukwizera Umwami Yesu kwanyu n’urukundo mukunda abantu b’Imana bose, 16sinduhuka gushimira Imana ku bwanyu. Ndabibuka uko nsenze. 17Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya. 18Ndabasengera ngo amaso y’imitima yanyu amurikirwe kugira ngo mumenye ivyizigiro yabahaye igihe yabahamagara, n’ubwiza bwinshi bw’umugabane yateguriye abantu biwe batunganye. 19Ndabasengera kandi ngo mutahure ubushobozi bw’Imana butogereranywa, bukorera muri twebwe abizera. Ubwo bushobozi ni bwo 20yakoresheje igihe yazura Kristo ikamukura mu bapfuye, ikamwicarika mu kibanza c’iteka i buryo bwayo ahantu ho mw’ijuru, 21hejuru y’ukuganza kwose n’ubukuru bwose, hejuru y’ubushobozi n’ubutegetsi bwose, hejuru y’izina ryose rishobora kuvugwa, haba muri iyi si y’uno musi canke mw’isi izoza. 22Imana yashize ibintu vyose musi y’inganji ya Kristo, imugira umutwe uri hejuru ya vyose ku bw’ineza y’ishengero. 23Ishengero ni ryo mubiri wa Kristo, kandi Kristo ari muri ryo mu buryo bwuzuye, ari muri vyose kandi hose.
Currently Selected:
Efeso 1: BKC
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.